5 Nuk’ umwami agera ingaburo bahabga imisi yose ivuye ku vy’ umwami afūngura, no ku giturire yuhira, kandi ko bagaburirwa imyaka itatu; ngo ni yashira babone gukorera umwami.
Yosefu yar’ amaze imyaka mirongwitatu igihe yarenguka imbere ya Farawo. Nukw arijura, ava imbere ya Farawo, agendagenda igihugu cose ca Egiputa.
Hahirwa abantu bawe, hahirwa n’aba bagendanyi bawe bama imbere yawe bakumva ubgenge bgawe!
Kandi ku bimutunga, agererwa ivyo kumutunga n’umwami vy’intasība, ingaburo y’uko bukeye imisi yose yamaze akiriho.
Ntugire umutima muke mu binoboye vyiwe, Kukw ar’ ivyo kurya vy’ uruhendo.
None rero, uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni wahindukira nzokugarukana, ubone guhagarara imbere yanje; kandi ni warobanura ivy’ ingirakimazi ukabikūra mu vy’imburakimazi, uzoba nk’akanwa kanje: abandi baze baguhindukirire, ariko weho ntuz’ ubahindukirire.
Nuk’ umwami aganira na bo, ariko muri bose ntihābonetse ūhwanye na Daniyeli na Hananiya na Mishayeli na Azariya: ni co catumye bagirwa abo gukorera umwami.
Maze Daniyeli agira imigabo mu mutima kutazokwihumanisha ivyo kurya vy’umwami, cank’ igiturire yuhira: ni co catumye yinginga uwo mukuru w’inkone, kugira ngo ntiyihumanye.
Uduhe ivyo kurya dukwiranye uyu musi;
Umumarayika aramwishura, ati Ndi Gaburiyeli, nama mpagaze mu nyonga z’Imana, kandi natumwe kubonana nawe no kukubgira ubgo butumwa bgiza.
imisi yose uduhe ivyo kurya vyayo;
Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu.
Maze Sauli atuma kuri Isayi, ut’ Aragusavye Dawidi ngw amugendanire, kukw amushimye.