Eh’ imisi izoza, ibiri mu ngoro yawe vyose, n’ivyo ba sogokuruza bābītse bigashitsa n’ubu, bizosahurwa bijanwe i Babuloni; nta kintu na kimwe kizosigara, ni k’Uhoraho agize.
Maze mu kwezi kw’indwi, Ishimayeli mwene Netaniya, Netaniya wa Elishama, wo mu nda y’ingoma, ari we umwe mu babgiriza bakuru b’umwami, azanana n’abantu cumi, aja kuri Gedaliya mwene Ahikamu i Mizipa; nuko basangirira na we aho nyene i Mizipa.