Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 1:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Nuko Daniyeli aguma ngaho, gushitsa ku mwaka wa mbere umwami Kuro ari ku ngoma.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 1:21
4 Iomraidhean Croise  

Mu mwaka wa mbere Kuro umwami w’i Buperesi agiye ku ngoma, Uhoraho akangura umutima wiwe kugira ngw ijambo yavugiye mu kanwa ka Yeremiya ribone gushika. Nuko Kuro uwo mwami w’i Buperesi ashinga ko babitangaza mu gihugu ciwe cose, aranavyandika,


ngo Kuro, umwami w’i Buperesi aravuze, at’ Uhoraho Imana Nyen’ ijuru yangabiye ibihugu vyose vyo mw isi. Kandi yangeze ngo ndamwubakire ingoro i Yerusalemu mu Buyuda.


Mu mwaka ugira gatatu Kuro umwami w’i Buperesi ari ku ngoma, Daniyeli ari we Beluteshaza, har’ ico yeretswe, kand’ ico kintu car’ ic’ ukuri, ni co ntambara zikomeye; atahura ivy’ ari vyo, kand’ ivyo yeretswe arabisobanukirwa.


Nuko ku ngoma ya Dariyo no ku ngoma ya Kuro Umuperesi, Daniyeli agira ikiganza ciza.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan