Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 1:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Mw ijambo ryose ry’ubgenge no kumenya, ico umwami yababaza, yasanga barusha abanyamarēba n’abapfumu bose bo mu gihugu ciwe cose ibihetangabo cumi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 1:20
25 Iomraidhean Croise  

Kandi so yagiye angunga, ahindura ingero zanje ibihetangabo cumi; arikw Imana ntiyamukundiye kugira ico ankorako.


Bukeye, ahagarika umutima, atuma guhamagaza abanyamareba bose bo muri Egiputa n’abanyabgenge baho bose: Farawo abarotorera inzozi ziwe: ariko ntihagira ūshobora kuzimusobanurira.


Kand’ Abayuda bāba hafi yabo bama baza kutubūrira bava hirya no hino, mbere bātubūriye ibihetangabo cumi baja baragaruka aho turi.


Ubu n’ubugira icumi munshinyagurira; Nta n’agasoni mugira ko kungirira nabi.


Mfise ubgenge buruta ubg’ abigisha banje bose; Kukw ivyo wihanikirije ari vyo ndimbūra.


N’abanyamarēba bo muri Egiputa na bo babigira bartyo babikoresheje amarēba yabo: umutima wa Farawo urakomantara, ntiyumvira Mose na Aroni, nk’ uk’ Uhoraho yari yaravuze.


Maz’ abo banyamarēba babarira Farawo, bat’ Ibi bitewe n’ urutoke rw’Imana. Arik’ umutima wa Farawo urakomantara, ntiyumvira Mose na Aroni, nk’ uk’ Uhoraho yari yaravuze.


Na ba banyamarēba babigira bartyo babikoresheje amarēba yabo, badūza ibikere, bija mu gihugu ca Egiputa.


Umutima wa Egiputa uzokamangana, nanje nzokwica imigabo yaho; bazoja gusiguza ibigirwamana n’abavovota n’abahamagara imizimu bo n’abamenyi.


ni ko ga! Urusha Daniyeli ubgenge, nta gihishijwe uyoberwa!


Maz’ abo basore ukw ari bane Imana ibaha gukerebuka no kuba uburyo mu vyo bigishwa vyose no mu bgenge; kandi Daniyeli yari n’ubgenge bgo gutahura ivyerekanwa vyose bo n’inzozi.


Nuko birashingwa ngw abanyabgenge ni bicwe; baja kurondera Daniyeli na bagenzi biwe ngo bicwe.


ni yo ikūranya imyanya n’ibihe; ni yo ikūra abami ikimika abandi; ni yo iha abanyabgenge ubgenge, n’abakerebutse ikabaha kumenya;


Daniyeli yishura umwami, at’ Ingabire zawe n’uzigumirize, kand’ impēra zawe uzihe uwundi. Ariko ndasomera umwami iyo nyandiko, ndamumenyeshe ukw isobanurwa.


kw abo bantu bose babonye icubahiro canje n’ibitangaza vyanje nakoreye muri Egiputa no mu bugaragwa, bakangerageza ibihetangabo cumi vyose, ntibanyumvire;


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan