Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 1:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Umwami Imana agabura Yehoyakimu umwami w’Abayuda mu maboko yiwe, bo n’ibintu vy’imbombovu bimwe vyo mu ngoro y’Imana, abijana mu gihugu c’i Shinari mu nzu y’imana yiwe; ashira ivyo bintu mu nzu y’ ububiko bg’iyo mana.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 1:2
30 Iomraidhean Croise  

Ubgami bgiwe bga mbere bgagarukira i Babeli no muri Ereki no muri Akadi n’i Kalune, mu gihugu c’i Shinari.


Nuko bariko baragenda berekeye i burasirazuba, babona ikiyaya mu gihugu c’i Shinari; bagerēraho.


Ku ngoma ya Yehoyakimu, Nebukadineza umwami w’i Babuloni arabatera; Yehoyakimu aramwisaba, amara imyaka itatu aganzwa na we; araheza aramuhinduka, aramugarariza.


Kandi Yehoyakimu yagiye ku ngoma amaze imyaka mirongwibiri n’itanu; ayimarakw imyaka cumi n’umwe ar’i Yerusalemu; akora ivyo Uhoraho Imana yiwe abona kw ari bibi.


Nebukadineza atakw ajana n’ ibintu vyo mu ngoro y’Uhoraho i Babuloni, abishira mu rusengero rwiwe i Babuloni nyene.


Kandi n’umwami Kuro asohora ibintu vy’imbombovu vyakoreshwa mu ngoro y’Uhoraho, ivyo Nebukadineza yari yaranyaze i Yerusalemu, akabishira mu kinyabugoro c’imana ziwe;


Kandi kur’ uwo musi Umwami Imana azotuma ukuboko ubugira kabiri, kugarukana amasigarira y’abantu biwe, abazoba bagisigaye, abakūre muri Ashuri no muri Egiputa n’i Patirosi n’i Kushi no muri Elamu n’i Shinari n’i Hamati no mu bizinga vyo mu kiyaga.


Ni nde yatanze aba Yakobo ngo banyagwe, kand’ Abisirayeli akabaha ababanyaga? Mbega s’Uhoraho, uwo twacumuyeko, kandi ntitwemeye kugendera mu nzira ziwe, ntitwumviye ivyagezwe vyiwe?


Ijambo ryaje kuri Yeremiya ku vy’abantu bose b’i Buyuda mu mwaka ugira kane Yehoyakimu mwene Yosiya, umwami w’i Buyuda, ari ku ngoma; ni wo war’ umwaka wa mbere wa Nebukadineza umwami w’i Babuloni wo kuba ku ngoma.


Kandi mbarira n’abaherezi n’ ubgo bgoko bgose, nt’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ntimuruhe mwumvira amagambo y’abo ba kamenyi banyu babaragurira, bat’ Ibintu vy’imbombovu vyo mu ngoro y’Uhoraho bizohava bigarukanwa bive i Babuloni: kuko babaragurira ibinyoma.


Hasigaye imyaka ibiri yiramvuriye nkagarukana aha hantu ivy’ imbombovu vyo mu ngoro y’Uhoraho vyose, ivyo Nebukadineza umwami w’i Babuloni yasahuye aha hantu, akabijana i Babuloni;


Maze rero, Nebukadineza umwami w’i Babuloni ateye iki gihugu, turavugana, tuti Ngo tuje i Yerusalemu, duhunge ingabo z’Abakaludaya, duhunge n’ingabo z’Abasiriya; ni kwo kuba i Yerusalemu.


Mubitāngāze mu mahanga, muvyamamaze, mushinge ibendera; muvyamamaze, ntimubihishe, mut’ I Babuloni haratsinzwe, ikigirwamana Beli kiratēterewe, Merodaki kiravunaguritse; ibishushanyo vyaho biratēterewe, ibigirwamana vyaho biravunaguritse.


Kandi nzohanira ca kigirwamana Beli i Babuloni, nzokijiginyura mu menyo ivyo catsontsomeye; kand’ amahanga ntazosubira gusendanisha aja kuri co: mber’ uruzitiro rw’i Babuloni ruzotemba.


Nuko Daniyeli bamurengukana imbere y’umwami. Umwami abaza Daniyeli, ati Mbega ni wewe Daniyeli wo mu banyagano b’Abayuda, umwami data yanyaze i Buyuda?


Zirikana mugenzi, Imana isumba vyose yahaye so Nebukadineza ubgami n’ubukuru n’ubgiza n’igitinyiro.


Ni co gituma urusenga rwabo baruha ikimazi, n’ umukwabu wabo bakawosereza imibavu; kukw ari vyo bibahesheje kwidibamira, bigatuma ivyo kurya vyabo bigwira.


Aranyishura, ati Bagiye kumwubakira inzu mu gihugu c’i Shinari; ni yuzura, azoshirwa iyo, ahantu hiwe.


Umwe yoshoboye ate gukinagiza igihumbi, Na babiri kwirukana ibihumbi cumi, Iyo ca Gitandara cabo atabagura, Iy’ Uhoraho atabagabura?


Uburake bg’ Uhoraho buca buziriringira Abisirayeli, abagabura mu maboko y’ abanyazi, barabanyaga, abatanga mu maboko y’abansi babo babakikije, bituma batagishobora guhagarara imbere y’abansi babo.


Bituma uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli, abagabura mu maboko ya Kushani‐rishatayimu umwami w’i Aramu‐naharayimu; Abisirayeli baganzwa na Kushani‐rishatayimu imyaka munani.


Uhoraho abagabura mu maboko ya Yabina umwami w’i Kanani, yaba i Hasori; kand’ umugabisha w’ingabo ziwe yari Sisera, yaba i Harosheti‐ha‐goyimu.


Baraheza bayinjiza mu ngoro ya Dagoni, bayitereka i ruhande ya Dagoni nyene.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan