19 Nuk’ umwami aganira na bo, ariko muri bose ntihābonetse ūhwanye na Daniyeli na Hananiya na Mishayeli na Azariya: ni co catumye bagirwa abo gukorera umwami.
Ni co gitumye nshinga icagezwe, yuk’ umuntu wese wo mu bgoko bgose cank’ ihanga canke wo mu bavuga indimi zitari zimwe, azovuga nabi Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego, azohimbagurwa, kand’ urugo rwiwe ruzosigara ar’ itongo; kukw ata yindi mana iriho ishobora gukiza ben’ ubu buryo.