Maz’ abo basore ukw ari bane Imana ibaha gukerebuka no kuba uburyo mu vyo bigishwa vyose no mu bgenge; kandi Daniyeli yari n’ubgenge bgo gutahura ivyerekanwa vyose bo n’inzozi.
Nuk’ umwami aganira na bo, ariko muri bose ntihābonetse ūhwanye na Daniyeli na Hananiya na Mishayeli na Azariya: ni co catumye bagirwa abo gukorera umwami.