15 Iyo misi cumi ishize, asanga mu maso habo ari heza kandi bayagayaga ku mubiri kurusha abandi basore bose bārya ku vyo kurya vy’umwami.
Ibikeya umugororotsi atunze Biruta ibihinda vy’abanyakibi benshi.
Ariko jewe Uhoraho Imana yanyu abe ari jewe musaba, nanje nzohezagira ivyo kurya vyanyu n’amazi yanyu, kandi nzokūra indwara muri mwebge.
Umugisha w’Uhoraho uratungisha, Kandi nta mubabaro awuvangamwo.
Nukw abemerera iryo jambo, abagerageza imisi cumi.
Mubiba vyinshi, mukimbura bike; kurya murarya, ariko ntimushira inzara; kunywa muranywa, ariko ntimushira inyota; kwambara murambara, ariko ntimushira imbeho; kand’ ūca amahera ayacira mu mupfuko utobotse.
Mwaziga vyinshi, mugize murtya musanga ni bike; kandi n’iyo mubizanye i muhira ndabitūvya. Biva ku ki? ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo abajije. Biva ku ngoro yanje irekewe ngaho igihomvaguritse, namwe mweho umuntu wese agakobereza inzu yiwe ubgiwe.
Ni mwanka kwumva, mukanka kurishirak’ umutima, ntimuheshe izina ryanje icubahiro, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nzobavuma wa muvumo, n’imigisha yanyu nzoyivuma; mbere mmaze no kuyivuma, kuko mutarishizek’ umutima.
Aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.