14 Nukw abemerera iryo jambo, abagerageza imisi cumi.
uheze uze witegereze mu maso hacu no mu maso h’abasore barya ku vyo kurya vy’umwami; maz’ uk’ uzobona bimeze, abe ari k’uzotugenza, twebge abasavyi bawe.
Iyo misi cumi ishize, asanga mu maso habo ari heza kandi bayagayaga ku mubiri kurusha abandi basore bose bārya ku vyo kurya vy’umwami.
Ntutinye ivy’ ugira ubabazwe. Eh’ uwo Murwanizi agira ashire bamwe muri mwebge mw ibohero kugira ngo mugeragezwe, kandi muzogira amarushwa imisi cumi. Wame uyoboka gushitsa ku gupfa, nanje nzoguha igitsibo c’ubugingo.