Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 1:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mu mwaka ugira gatatu Yehoyakimu umwami w’Abayuda ari ku ngoma, Nebukadineza umwami w’i Babuloni yaje gutera i Yerusalemu, arahakikiza.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 1:1
14 Iomraidhean Croise  

Kandi Yehoyakimu yagiye ku ngoma amaze imyaka mirongwibiri n’itanu; ayimarakw imyaka cumi n’umwe ar’ i Yerusalemu; nyina yitwa Zebida, umukobga wa Pedaya w’i Ruma.


Asahura ibitunzwe vyose mu ngoro y’Uhoraho, bo n’ivyo mu ngoro y’umwami, amenagura n’ ibintu vyose vy’imbombovu vy’ izahabu vyari mu rusengero rw’ Uhoraho, ivyo Salomo umwami w’Abisirayeli yari yaracurishije, nk’uk’ Uhoraho yavuze.


Kand’ abahungu bawe uzoba wīkūriye mu nda wavyaye bazobajana, bagirwe inkone zo kuba mu ngoro y’umwami w’i Babuloni.


Ijambo ryaje kuri Yeremiya ku vy’abantu bose b’i Buyuda mu mwaka ugira kane Yehoyakimu mwene Yosiya, umwami w’i Buyuda, ari ku ngoma; ni wo war’ umwaka wa mbere wa Nebukadineza umwami w’i Babuloni wo kuba ku ngoma.


Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho mu gihe ca Yehoyakimu mwene Yosiya, umwami w’i Buyuda,


Maze rero, Nebukadineza umwami w’i Babuloni ateye iki gihugu, turavugana, tuti Ngo tuje i Yerusalemu, duhunge ingabo z’Abakaludaya, duhunge n’ingabo z’Abasiriya; ni kwo kuba i Yerusalemu.


Mu mwaka ugira kane Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, haza iri jambo kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho,


Ijambo uwavugishwa n’Imana Yeremiya yabariye Baruki mwene Neriya, igihe yandika ya majambo mu gitabo, ayakūye mu kanwa ka Yeremiya, mu mwaka ugira kane Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’Abayuda ari ku ngoma,


Ijambo Uhoraho yavuze ku vy’i Babuloni, no ku vy’igihugu c’Abakaludaya, arivugishije Yeremiya.


Maze mu kwezi kwa gatanu, ku musi wakwo ugira icumi, mur’ uwo mwaka ugira icumi n’icenda umwami Nebukadineza umwami w’i Babuloni ari ku ngoma, Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi, yahora ahagarara imbere y’umwami w’i Babuloni, yinjira i Yerusalemu.


Aba ni bo bantu Nebukadineza yajanye ar’ inyagano: mu mwaka w’indwi yajanye Abayuda ibihumbi bitatu na mirongwibiri na batatu;


Nuko Daniyeli bamurengukana imbere y’umwami. Umwami abaza Daniyeli, ati Mbega ni wewe Daniyeli wo mu banyagano b’Abayuda, umwami data yanyaze i Buyuda?


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan