Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Abalewi 7:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ishikanwa ryose ry’ivyakozwe mw ifu vyokejwe mu ziko, n’ibindi vyose vyakozwe mw ifu bikaranganywe n’amavuta, bo n’ivyataraguwe ku cuma gikaranga, bizoba ivy’ umuherezi abihereje.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Abalewi 7:9
12 Iomraidhean Croise  

Arik’ uwigishwa ijambo ry’Imana ahe umwigisha mu vyiza vyose.


Baze barye kw ishikanwa ry’amafu, no ku kimazi gitangirwa ivyaha, no ku kimazi c’impongano; kand’ ikintu cose kirobanurirwa Imana mu Bisirayeli kize kibe icabo.


Ibi ni vyo bizoba ivyawe vyo mu vyera cane bitar’ ivyo kwosa ku muriro: ishikanwa ryabo ryose bazonshikanira, ar’iry’ amafu, ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha, ar’ impongano, bizoba ar’ ivyera cane, bibe ivyawe n’abana bawe.


Ibisigaye kur’ iryo shikanwa ry’ivyakozwe mw ifu bize bibe ivya Aroni n’abana biwe: kizoba ar’ umugabane wera cane mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa jewe Uhoraho.


Ntimuzi yukw abakora ibikorwa vy’ivyera barya ivy’ urusengero, kand’ abakora ivy’ igicaniro basangira n’igicaniro?


Ni nde yigeze kwitunga, ar’ umusoda? Ni nde yotera uruzabibu ntarye inzabibu zarwo? Canke ni nde yoragira ubusho, ntabunywe?


Nuk’ uwo muherezi azoba amuhongeye ku caha yakoze ic’ ari co cose muri vya bindi bidōnzwe, na we azoharirwa: ifu isigaye iz’ ibe iy’ umuherezi, nk’uko bisanzwe biba kw ishikanwa rindi ry’amafu.


Kand’ umuherezi ahereje ikimazi c’umuntu uw’ ari we wese co kwoswa, uwo muherezi nyene az’ abe ari we atwara urusato rw’ico kimazi coshejwe atanze.


Ishikanwa ryose ry’ifu, ar’ ivanze amavuta cank’ itavanze, rizoba irya bene Aroni bose, barigabangane.


Bukeye Hazayeli umwami w’i Siriya aradūga, atera i Gati, ahagira ahiwe; maze yiteguye kudūga ngw atere i Yerusalemu na ho,


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan