Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Abalewi 5:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Canke ni hagira umuntu atantamukana indahiro y’ico agira akore, ari kibi, ari ciza, atavyiyumviriye, ic’ ari co cose umuntu yotantamukanira indahiro, hanyuma ni yabimenya, ico kintu kizoba kimubereye icaha.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Abalewi 5:4
25 Iomraidhean Croise  

Iryo joro rikeye, Abayuda barakorana, barahira bīsiba yuko batazorya ntibanywe batarica Paulo.


Aramurahira, at’ Ico unsaba cose ndakiguha, n’iyo coba igisate c’ubgami bganje.


ngatabaruka amahoro mvuye kurwana na bo, ūzobanza gusohoka mu nzu yanje kunsanganira, azoba uwawe, Uhoraho, nanje nzomutanga kw ikimazi c’ukwoswa.


Ni bgāca hakir’ izinamuhungu n’umwe nja gusiga mu bantu biwe, Imana ibimpanire, jewe Dawidi, mbere birushirije!


Arik’ umugabo wiwe ni yamubuza ku musi avyumviyeko, azoba akūyeh’ iryo sezerano yarimwo, n’ivyo akanwa kiwe kātuntumukanye, akavyibohesha; kand’ Uhoraho azomuharira.


Bun’ umwami arijirwa; ariko kubga za ndahiro, no kubg’ abāsangira na we, abgiriza ko bawumuha;


Ni co catumye amwemerera amurahiye kw amuha ico yomusaba cose.


Maz’ aravuga, ati Elisa mwene Shafati uyu musi ni yirirwa ntamuciye umutwe, Imana irakabimpanira kandi birushirije!


Arik’ umwami Dawidi arēngāna Mefibosheti mwene Yonatani umwuzukuru wa Sauli, kubg’ indahiro bārahiriye imbere y’ Uhoraho, bo na Yonatani nyene, mwene Sauli.


asezerana isezerano, at’ Ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, ni warāba umubabaro wanje incoreke yawe, ukanyibuka, ntunyibagire jewe incoreke yawe, ukantabaza umwana w’umuhungu, nanje nzomuguha, Uhoraho, abe uwawe kuzorinda apfa, kandi nta rupfuhe ruzomugera ku mutwe.


Yamara twebge ntidushobora kubashingira abakobga bacu! Icabiteye n’ukw Abisirayeli bari bararahiye, ng’ Ūzoshingira Umubenyamini arakavumwa!


None twobigenza dute ngo turonderere amasigarira yabo abagore, kandi twaramaze kugira Uhoraho indahiro ko tutazobashingira abakobga bacu?


None rero, asangwa mwakoreye Yerubayali n’inzu yiwe ivy’ ukuri n’ibibereye, enda ni munezererwe Abimeleki, na we abanezererwe!


Yosuwa abasezeranira kuzobana amahoro na bo, no kubareka ngo bībēreho; n’abakuru b’ishengero na bo barabarahira.


Abo bantu baramwishura, bati Ni mutatuvuga, amagara yacu mukijije natwe ntituzobura gukiza ayanyu. Maz’ Uhoraho ni yaduha iki gihugu, tuzokugirira neza, ntituzoguhemukira.


Na ho ni yarongorwa akiri mur’ ayo masezerano, no mu vyo akanwa kiwe kātuntumukanye, akavyībohesha;


Canke ni yaramuka akoze ku gihumanya giherereye ku muntu, ic’ ari co cose, ntabimenye, ni yabimenya, kizoba kimubereye icaha.


Nuk’ uwo muherezi azoba amuhongeye ku caha yakoze ic’ ari co cose muri vya bindi bidōnzwe, na we azoharirwa: ifu isigaye iz’ ibe iy’ umuherezi, nk’uko bisanzwe biba kw ishikanwa rindi ry’amafu.


Kuko bāgararije Mpwemu w’Uhoraho, Bituma Mose avugisha akanwa kiwe ibitabereye.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan