3 Canke ni yaramuka akoze ku gihumanya giherereye ku muntu, ic’ ari co cose, ntabimenye, ni yabimenya, kizoba kimubereye icaha.
Umusi azosubira gushika ahēra, agashika mu nyubakwa, akaja ahēra ngw ahereze, az’ atange ikimazi co kubgiwe gitangirwa ivyaha, ni k’Umwami Uhoraho agize.
Nuk’ uwo muherezi asuzume iyo ndwara iri ku mubiri wiwe inyuma ku rukoba; maz’ ubgoya bg’aho hantu harwaye, ni yasanga bgahindutse bukēra, iyo ndwara igasa n’aho yinjiye imbere mu rukoba, iyo ndwara izoba ar’ iy’ imibembe: nuk’ uwo muherezi amusuzumye, avuge kw ahumanye.
Canke ni hagira umuntu akora ku kintu kizira ic’ ari co cose, namb’ ar’ umuvyimba w’igikōko kizira, cank’ umuvyimba w’igitunzwe kizira, cank’ umuvyimba w’icikwega hasi kizira nyene, ariko ntabimenye, agahumana, kizoba kimubereye icaha.
Canke ni hagira umuntu atantamukana indahiro y’ico agira akore, ari kibi, ari ciza, atavyiyumviriye, ic’ ari co cose umuntu yotantamukanira indahiro, hanyuma ni yabimenya, ico kintu kizoba kimubereye icaha.
Kand’ umuntu wese azokora ku kintu gihumanya ic’ ari co cose, ar’ igiherereye ku muntu, cank’ ar’ igitunzwe gihumanya, cank’ ar’ ikindi cose c’ikizira gihumanya, agaheza akarya ku nyama z’ikimazi c’ishimwe, kand’ ar’ icanje jewe Uhoraho, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.
Kand’ ikintu cose ūhumanye azokorako na co kizoba gihumanye: ūzogikorako azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.