Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Abalewi 5:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Canke ni hagira umuntu akora ku kintu kizira ic’ ari co cose, namb’ ar’ umuvyimba w’igikōko kizira, cank’ umuvyimba w’igitunzwe kizira, cank’ umuvyimba w’icikwega hasi kizira nyene, ariko ntabimenye, agahumana, kizoba kimubereye icaha.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Abalewi 5:2
16 Iomraidhean Croise  

Ni nde ashobora kwimenyakw amafuti? Ntumparūrekw ivyaha vyanyinyegeje.


Ni mugende, ni mugende, muveyo; ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; muve hagati yaho; mwitunganye, yemwe abashorezi b’imbombovu z’Uhoraho.


Bize bihore biba umuziro kuri mwebge; ntimuze mwigere murya ku nyama zavyo, kand’ imivyimba yavyo muze muyigire umuziro.


Inyama zavyo ntimuze muzirye, n’imivyimba yavyo ntimuze muyikoreko: n’ibihumanya kuri mwebge.


Kand’ ikoraniro ryose ry’ Abisirayeli ni ryaramuka ricumuye, ritabigize ibigirankana, ntibabimenye, bakoze mu vyo jewe Uhoraho nabuzanije, bakikwegera gutsindwa n’urubanza;


Kandi ni hagira umuntu akora icaha, agakora na kimwe mu vyo nabuzanije; naho yoba agikoze atabizi, aba atsinzwe, kand’ azogībgako n’ibigabitanyo vyiwe.


Canke ni yaramuka akoze ku gihumanya giherereye ku muntu, ic’ ari co cose, ntabimenye, ni yabimenya, kizoba kimubereye icaha.


Canke ni hagira umuntu atantamukana indahiro y’ico agira akore, ari kibi, ari ciza, atavyiyumviriye, ic’ ari co cose umuntu yotantamukanira indahiro, hanyuma ni yabimenya, ico kintu kizoba kimubereye icaha.


Kand’ umuntu wese azokora ku kintu gihumanya ic’ ari co cose, ar’ igiherereye ku muntu, cank’ ar’ igitunzwe gihumanya, cank’ ar’ ikindi cose c’ikizira gihumanya, agaheza akarya ku nyama z’ikimazi c’ishimwe, kand’ ar’ icanje jewe Uhoraho, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.


Maze Hagayi arababaza, at’ Umuntu yahumanijwe n’ukw akoze ku muvyimba, yokora kuri kimwe mur’ ivyo, coba gihumanye? Abaherezi barishura, bati Coba gihumanye.


Kand’ ikintu cose ūhumanye azokorako na co kizoba gihumanye: ūzogikorako azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.


Muzobona ibara, kuko musa n’imva zitamenyekana, abantu bakazicako batabizi.


Nuko muve hagati ya ba bandi, Mubītandukanyeko, ni k’Uhoraho agize, Kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; Nanje nzobākira,


N’ingurube, kuko nah’ ifise inzāra ziri n’umwanya hagati, ariko ntiyūza: na yo n’igihumanya kuri mwebge. Inyama zavyo ntimuze muzirye, n’imivyimba yavyo ntimuze muyikoreko.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan