Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Abalewi 3:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro: ivyo bizoba bibaye imfungurwa, ari ryo shikanwa ritōngōrwa n’umuriro, ngo ribe umubabge umota neza; ibinure vyose bizoba ivyanje.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Abalewi 3:16
19 Iomraidhean Croise  

Aramwishura, ati Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose n’ubgenge bganyu bgose.


Yamar’ Uhoraho yashimye kumujanjagura, yaramubabaje; ah’ azotanga ubugingo bgiwe kw ikimazi co gukūrah’ ivyaha, azobona uruvyaro rwiwe, azoramba, ivyo Uhoraho agomba bizoshitswa neza n’ukuboko kwiwe.


Maze Salomo ashinga umwanya wo hagati mu nyubakwa imbere y’ingoro y’Uhoraho, arahēza; aho ni ho yoshereje ibimazi vyo kwoswa, n’ibinure vy’ibimazi vy’ ishimwe, kukw igicaniro c’umuringa yari yaracurishije cari gito, kitokwiwekw ivyo bimazi vyo kwoswa n’ayo mashikanwa y’amafu n’ivyo binure.


Uwo muherezi aheze amije amaraso ku gicaniro canje kiri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, yose ibinure ngo bibe umubabge ummotera neza.


Umuriro uvuye imbere y’Uhoraho uraheza uraza, utōngōrera ku gicaniro ca kimazi coshejwe bo na vya binure: abo bantu bose babibonye, basēsereza impundu, barūnama bashika hasi.


Maze yābīra ibinure vyayo, n’umurizo wayo uko wagahometsekw ibinure, n’urubambanda rwose rwōrōshe amara, n’agashami gatoya k’igitigu, n’amafyigo yompi, n’ibinure vyo kuri yo, n’igikenye c’ukuguru kwayo kw’i buryo.


Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ ikimazi c’ishimwe: uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe umubabge ummotera neza. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye, na we azoharirwa.


Ibinure vyaco vyose avyosereze ku gicaniro, nk’uko bōsa ibinure vy’ikimazi c’ishimwe. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe, na we azoharirwa.


Uheze wābīre ibinure vy’iyo mpfizi y’intama, n’umurizo wayo uko wagahometsekw ibinure, n’ urubambanda rwōrōshe amara, n’agashami gatoya k’igitigu, n’ amafyigo yompi, n’ibinure bihometse kuri yo, n’igikenye c’ukuguru kwayo kw’i buryo, kukw ar’ impfizi y’intama yo kubinjiza mur’ iryo bango;


Maze wābīre urubambanda rwose rwōrōshe amara, n’agashami gatoya k’igitigu, n’amafyigo yompi, n’ ibinure bifashe kuri yo, uvyosereze ku gicaniro.


Kand’ ivyo bimazi vyo kwoswa vyari vyinshi cane, hamwe n’ibinure vy’ibimazi vy’ishimwe, n’ amashikanwa y’ibiturire yagendana n’ikimazi cose co kwoswa. Uko ni kw ibikorwa vyo mu ngoro y’ Uhoraho vyatunganijwe.


Arikw abaherezi b’Abalewi, bene Sadoki, bāsigaye bitondera ivyo bājejwe vy’ahēra hanje igihe Abisirayeli bāzimira bakanta, abo bo bazonyegēra kugira ngo bankorere; bazohagarara imbere yanje bampēreza ibinure n’amaraso, ni k’Umwami Uhoraho agize:


Abeli na we azana ku ntungwa z’uburiza zo mu mukuku wiwe, no ku binure vyazo. Uhoraho yākīrira Abeli ishikanwa ryiwe,


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan