Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Abalewi 13:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Nuk’ uwo muherezi asuzume iyo ndwara iri ku mubiri wiwe inyuma ku rukoba; maz’ ubgoya bg’aho hantu harwaye, ni yasanga bgahindutse bukēra, iyo ndwara igasa n’aho yinjiye imbere mu rukoba, iyo ndwara izoba ar’ iy’ imibembe: nuk’ uwo muherezi amusuzumye, avuge kw ahumanye.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Abalewi 13:3
29 Iomraidhean Croise  

Nukw agenda aratāhīra, ava i Negebu arinda ashika i Beteli, ha hantu yashinze ihema ryiwe ubga mbere, hagati y’i Beteli n’i Hayi,


Ewe kuntu umutima wawe uhuha, ni k’Umwami Uhoraho agize; k’ukora ivyo vyose, ar’ ivyokorwa n’umugore w’igishegu w’umusambanyikazi;


Baze bigishe abantu banje gutandukanya ivyera n’ibitar’ ivyera, babamenyeshe itandukaniro ry’ibihumanye n’ibidahumanye.


Abanyamahanga bamumaze inkomezi, ariko ntabizi; mbere yadombagije n’ imvi, ariko ntabizi.


kugira ngo mubone uko mutandukanya ivyera n’ibitar’ ivyera, n’ibihumanya n’ ibidahumanya,


uwo muherezi amusuzume; maze ni haboneka ahashundashe, inyuma ku rukoba, hagatako hakēra, bigatuma ubgoya bgaho bgera, inyama zaho zikajējēta;


at’ Umuntu ni yagira igishundu, cank’ akagira ibintu bitongangiye, cank’ akagira ikibibi, ku mubiri wiwe inyuma ku rukoba, ico kintu kigahinduka indwara y’imibembe aho nyene ku rukoba rwiwe, baze bamuzanire Aroni umuherezi, cank’ umwe wo muri bene Aroni abaherezi.


na we ahasuzume, maze ni yasanga ico kintu gisa n’icinjiye imbere mu rukoba, ubgoya bgaho bgahindutse, bukēra, uwo muherezi az’ avuge kw ahumanye: izoba ar’ indwara y’imibembe, yaziye mu nkovu y’igihute.


Na ho ni yasanga ico kibibi co ku mubiri wiwe cera, kandi kidasa n’aho cinjiye imbere mu rukoba, n’ ubgoya bgaho butāhindutse ngo bgere, nuk’ uwo muherezi yugarane uwo murwayi kumara imisi ndwi.


Uwo muherezi amusuzume, maze ni yabona ico gisekera cunguruje koko aho nyene inyuma ku rukoba, avuge kw ahumanye: izoba ar’ imibembe.


nukw asuzume iyo ndwara: maze ni yabona iyo ndwara yateye amarabaga ku bisika agomba gusa n’akatsi gatoto canke n’agahama, ikaboneka nk’ah’ umengo yinjiye imbere mu gisika;


Ivyo ni vyo vyagezwe vy’ uburyo bgose bg’indwara y’imibembe: ar’ igiturika,


ar’ igishundu, ar’ ibintu bitongangiye, ar’ ikibibi,


Canke ni yaramuka akoze ku gihumanya giherereye ku muntu, ic’ ari co cose, ntabimenye, ni yabimenya, kizoba kimubereye icaha.


rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Enda baza abaherezi ku vy’ ivyagezwe,


Kukw akanwa k’umuherezi gakwiye kuzigama ubgenge, kandi mu kanwa kiwe ni ho bakwiye kubariza ivyagezwe: kukw ari we ntumwa y’ Uhoraho Nyen’ ingabo.


Nzoguha impfunguzo z’ubgami bgo mw ijuru: kand’ ico uzohambira mw isi kizoba gihambiriwe mw ijuru; n’ico uzohamburura mw isi kizoba gihamburuwe mw ijuru.


Kand’ abo muzoharira ivyaha bose, bazoba babihariwe; arikw abo mutazobiharira bose, ntibazoba babihariwe.


Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose Mpwemu Yera yabashizemwo, ngo mube abo kubuzēzwa, kugira ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso yayo.


Nuko tuvuge iki? Mbeg’ ivyagezwe n’icaha? Eka na mba. Ariko simba naramenye icaha, iyo ntakimenyeshwa n’ivyagezwe; kuko ntaba naramenye ukwifuza, iy’ ivyagezwe bitavuga ngo Ntukifuze.


Mur’ abo, umwe ni Humenayo na Alekisandero, abo nahaye Satani, kugira ngo bibigishe kutarogota.


Arikw abantu babi, bo n’abahūmbūzi, bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa.


Mwibuke abābaganza, bakababgira ijambo ry’Imana; mwitegereje iherezo ry’ingeso zabo, mwīgāne ukwizera kwabo.


Kandi n’abana biwe nzobicisha urupfu, kand’ amashengero yose azomenya yukw ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebge ibihwanye n’ivyo mwakoze.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan