Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Abalewi 10:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Mose abarira Aroni, at’ Ivyo ni vyo Uhoraho yavuze, ng’ Ukwera kwiwe kuzogaragarira mu bamwegera, kandi ngw Azoherwa icubahiro imbere y’abantu bose. Aroni arūmirwa.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Abalewi 10:3
46 Iomraidhean Croise  

Icompa bikaba kure yawe, gukora ikintu nk’ico, kwicana abagororotsi n’abanyavyaha, abagororotsi n’abanyavyaha bakaringanira: icompa bikaba kure yawe! Non’ Umucamanza w’isi yose ntiyokora ibigororotse?


Arikw aramwishura, at’ Uvuze nk’umwe wo mu bagore b’ibipfapfa. Mbega none twohabga ivyiza bisa mu biganza vy’Imana, tukanka kwākīra n’ibibi na vyo? Mur’ ivyo vyose Yobu ntiyakoresheje icaha akanwa kiwe.


Umubiri wanje uhindishwa agashitsi no kugutinya; Kandi ntinya imanza zawe.


Kandi yashize hejuru ihembe ry’abantu biwe, Ni ryo shimwe ry’abakunzi biwe bose, Ni bo Bisirayeli, ihanga yiyegereje. Haleluya!


Unkūrekw inkoni yawe: Mmazwe no gukubita kw’ ukuboko kwawe.


Naracereje, sinateranura akanwa, Kukw ari wewe wabikoze.


Ni mwisigireho, mumenye kw ari jewe Mana; Nzoshirwa hejuru mu mahanga, nzoshirwa hejuru mw isi.


Ni we Mana iteye ubgoba bginshi mw ikoraniro ry’ abera, N’iyo gutinywa kurusha abayikikije bose.


Ivyo washingiye intahe n’ivyo kwizigirwa cane; Uhoraho, ukwera kubereye inzu yawe ibihe bitazoshira.


Nanje rāba, ndakomantaza imitima y’Abanyegiputa, na bo bahace, babakurikire; maze mbone kwihesha icubahiro kuri Farawo no ku ngabo ziwe zose, no ku mikogote yiwe, no ku bagendera ku mafarasi biwe.


Maz’ umutima wa Farawo ngira ndawukomantaze, abakurikire; nanje nzokwiheshereza icubahiro kuri Farawo no ku ngabo ziwe zose, kand’ Abanyegiputa bazomenya ko nd’ Uhoraho. Nukw Abisirayeli babigenza bartyo.


Kandi n’abaherezi na bo, basanzwe bīgira hafi yanje, jewe Uhoraho, ni biyeze, kugira ngo simbatsindeho.


Uhoraho aramwishura, ati Genda umanuke, uheze uje kudūgana na Aroni: arikw abaherezi n’abandi bantu boye gutwaza ngo baze iyo ndi, kugira ngo simbatsindeho.


Kand’ uz’ uyasuke no kuri Aroni no ku bana biwe, ubarobanure, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi.


Maze Hezekiya yishura Yesaya, at’ Ijambo ry’Uhoraho uvuze ni ryiza. Yongera kuvuga, ati Kazima hagiye kuba amahoro n’umutēkāno nkiriho.


Kandi yarambariye, ati Ni wewe musavyi wanje, Isirayeli, uwo nzoherwamw’ icubahiro.


Ni mugende, ni mugende, muveyo; ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; muve hagati yaho; mwitunganye, yemwe abashorezi b’imbombovu z’Uhoraho.


Nzobākīra nk’imibabge imota neza, aho nzobakūrira mu banyamahanga, nkabakoraniriza hamwe mbakūye mu bihugu mwasanzariyemwo; kandi nzokwiyerekanira muri mwebge imbere y’abanyamahanga ko nd’ Uwera.


ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzohigūra nawe, ewe Sidoni, nzoshirwa hejuru hagati muri wewe: maze bazomenya yuko nd’ Uhoraho, igihe nzoba nshikije iteka mpaciriyeko, nkiyerekana muri bo ko nd’ Uwera.


maz’ uzotera abantu banje b’Abisirayeli, umeze nk’ igipfungu cubikije mu gihugu: maze mu misi y’iherezo nzokugomora utere igihugu canje, kugira ngw amahanga az’ amenye ico ndi co, igihe nzokwiyerekanira kuri wewe imbere yabo ko nd’ Uwera, ewe Gogi!


Kand’ icumba kirābana n’i burārūko n’ic’ abaherezi bājejwe igicaniro: ari bo bene Sadoki, ni bo bo mu ruvyaro rwa Lewi bēgēra Uhoraho ngo bamukorere.


Maz’ arambarira, at’ Ivyumba vy’ahahera i burārūko n’ivy’ ahahera i bumanuko bihereranye na wa mwanya uciye hagati, ivyo n’ ivyumba vyera, ah’ ibintu vyera cane bizorīrwa n’abaherezi bahora bēgēra Uhoraho; aho ni ho bazotereka ivyera cane, n’ishikanwa ry’ifu, n’ikimazi gitangirwa ivyaha, n’ikimazi gitangirwa ibicumuro; kukw ar’ ahantu hēra.


kugira ngo ntaz’ atume uruvyaro rwiwe ruhinduka uruhumanye mu bgoko bgabo: kukw ari jewe Uhoraho ndamweza.


ati Barira Aroni, ut’ Umuntu wese azoba afise agasembga wo mu ruvyaro rwawe, ukw ibihe vy’ urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, ntaze yēgēre ngw ampēreze imfungurwa, jewe Imana yiwe.


ntihaze hagire umuntu n’umwe wo mu ruvyaro rwa Aroni azokwigera yīgira hafi afise agasembga, ngw ahēreze ibimazi vyanje, jewe Uhoraho, bitōngōrwa n’umuriro: kw azoba arikw agasembga, ntaze yigire hafi ngw ahēreze imfungurwa zanje, jewe Imana yiwe.


Baze bambere abera, jewe Imana yabo, ntibatukishe izina ryanje, Imana yabo; kukw ari bo bampēreza ibimazi, jewe Uhoraho, bitōngōrwa n’umuriro, ari zo mfungurwa zanje, Imana yabo: ni co gituma bakwiye kuba abera.


Ni co gituma mukwiye kumwita uwera, kukw ari we ampēreza imfungurwa, jewe Imana yanyu: az’ ababere uwera, kuko jewe Uhoraho, mbeza, nd’ uwera.


Ni co gituma bakwiye kwitondera ibgirizwa ryanje, boye kwikwēgera icaha kubgaryo, rikabicisha, kuko bazoba bahumanije ivyejejwe: kukw ari jewe Uhoraho ndabeza.


Ku muryango w’ihema ry’ibonaniro abe ari ho mumara imisi ndwi ku murango no mw ijoro, mwitondera ivyo Uhoraho yabajeje, kugira ngo ntimupfe: kuk’ uko ari ko nabariwe.


Abgira Kora n’abo bīfatanije bose, at’ Ejo mu gitondo Uhoraho azokwerekana abiwe ab’ ari bo, n’uwera uw’ ari we, amwiyegereze: uwo azotoranya, ni we azokwiyegereza.


Uhoraho abarira Mose na Aroni, ati Ko mutanyizeye, ngo mwerekane ukwera kwanje imbere y’Abisirayeli, ntimugishikanye iri koraniro mu gihugu nemeye ko nzobaha.


Ūkunze se canke nyina akabandutisha, ntaba ankwiye: kand’ ūkunze umuhungu wiwe cank’ umukobga wiwe akabandutisha, ntaba ankwiye.


Data, shimagiza izina ryawe. Maz’ ijwi riva mw ijuru, riti Ndarishimagije, kandi nzokwongera kurishimagiza.


Kand’ ico muzosaba cose mw izina ryanje nzogikora, kugira ngo Se ashimagizwe mu Mwana.


kuko mwampemukiye hagati mu Bisirayeli, igihe mwari ku mazi y’i Meriba h’i Kadeshi, mu bugaragwa bg’i Zini, ntimwerekane ukwera kwanje hagati mu Bisirayeli.


ah’ azozira gushimirwa abera biwe kuri wa musi, no gutangarirwa kubg’ abāmwizeye bose, kukw intahe twashinze muri mwebge yemewe.


Kukw igihe gishitse c’uk’ urubanza rutangurira mu b’inzu y’Imana: none ko rutanguriye kuri twebge, iherezo ry’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Imana rizomera rite?


Ni co gitumye Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, avuga, ngo N’ukuri yari yaravuze yukw ab’ inzu yawe n’ab’ inzu ya sogokuruza bazokwama bamugendako bar’ imbere yiwe ibihe vyose; ariko noneh’ Uhoraho agize ngo Biragahera; ngo Kukw abamwubaha ari bo azokwubaha, arikw abamukēngēra bazokēngērwa.


Nuko Samweli amudōndera vyose, ntiyagira ico amuhisha. Maze Eli aravuga, ati N’Uhoraho: n’akore ico ashima.


Abo bantu b’i Beti‐shemeshi baravuga, bati Ni nde yoshobora guhagarara imbere y’Uhoraho, iyi Mana yera? Mbega none yodūga hehe, kugira ngw ituvemwo?


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan