Abalewi 10:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)3 Mose abarira Aroni, at’ Ivyo ni vyo Uhoraho yavuze, ng’ Ukwera kwiwe kuzogaragarira mu bamwegera, kandi ngw Azoherwa icubahiro imbere y’abantu bose. Aroni arūmirwa. Faic an caibideil |
Maz’ arambarira, at’ Ivyumba vy’ahahera i burārūko n’ivy’ ahahera i bumanuko bihereranye na wa mwanya uciye hagati, ivyo n’ ivyumba vyera, ah’ ibintu vyera cane bizorīrwa n’abaherezi bahora bēgēra Uhoraho; aho ni ho bazotereka ivyera cane, n’ishikanwa ry’ifu, n’ikimazi gitangirwa ivyaha, n’ikimazi gitangirwa ibicumuro; kukw ar’ ahantu hēra.