Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Yuda 1:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 aje gucira imanza abantu bose, no kwemeza abanyavyaha bose ibikorwa vyo kutubaha Imana bakoze, n’ibitutsi vyose abatubaha Imana bayitutse.”

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 kugira ngw acire bose amateka, no kwemeza abatubaha Imana bose ko batsinzwe ku bikorwa vyose vyo kutubaha Imana bakoze batayubaha, n’amagambo yose akomeye abanyavyaha batubaha Imana bavuze bayirwanya.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Yuda 1:15
35 Iomraidhean Croise  

Kandi yamuhaye ububasha bwo guca imanza kuko ari Umwana w’Umuntu.


kuko yashinze umusi izocira imanza isi mu bugororotsi, ikoresheje uwo yagenye. Iyo Imana yabigaragaje kuri bose mu kumuzura mu bapfuye.”


None wewe ni kuki ucira imanza mwene Data wundi? Canke ni kuki umukengera? Wibuke ko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza y’Imana.


Nuko rero, ubu ni bwo Butumwa Bwiza mvuga: umusi uraje, aho Imana izocira imanza ivyo abantu bagize amabanga yabo, ibicishije kuri Yesu Kristo.


Ariko kubera ufise umutima ukomantaye utagomba kwihana, uriko wikwegera guhanwa, ku musi w’uburake bw’Imana aho urubanza rwayo rugororotse ruzohishurirwa.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza igihe co guca imanza kitaragera; nimurindire gushika Umwami Yesu agarutse. Ni we azonyegurura ivyanyegejwe mu mwijima, yongere ashire ahabona ivyiyumviro vyo mu mitima y’abantu. Aho ni ho umuntu wese azohabwa n’Imana ishimwe rimukwiye.


Imana ni yo izocira urubanza abatizera, ariko nk’uko Ivyanditswe bivuga, “Nimwirukane inkozi y’ikibi iri hagati muri mwebwe.”


Kandi turazi ko ivyagezwe bitashiriweho abagororotsi, ariko vyashiriweho abatumvira n’ibigaba, abatubaha Imana n’abanyavyaha, abadasonera Imana canke ivyejejwe, abica ba se canke ba nyina, abicanyi,


Abo bantu ni abanyamwikomo bama bidodombera abandi; bakurikira ivyipfuzo vyabo bibi; barishira hejuru kandi bakoresha amajambo meza babesha abandi mu kurondera inyungu.


Hanyuma nca mbona ikindi gikoko gisokorotse kiva mw’isi. Cari gifise amahembe abiri ameze nk’ay’intama, ariko cavuga nk’igisato.


Uwushingira intahe ibi aravuga ati: “Egome, ndaza vuba.” Amen. Kaze Mwami Yesu.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan