Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Yohana 9:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Dutegerezwa gukora ibikorwa vy’uwantumye hakibona. Ijoro riraje, aho ata wushobora gukora.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Twebge dukwiye gukora ibikorwa vy’uwantumye hakibona; buhava bgira, ata wugishobora gukora.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Yohana 9:4
18 Iomraidhean Croise  

Baramwishura bati: ‘Ni kubera twabuze uwuduha ico dukora.’ Na we arababwira ati: ‘Namwe nimugende mukore mu murima wanje.’


Yesu abwira wa muntu akongataye ukuboko ati: “Haguruka uhagarare hano imbere y’ishengero.”


ariko Yesu arababwira ati: “Ko nakoreye imbere yanyu ibikorwa vyiza vyinshi ndabitumwe na Data, none ni ikihe muri ivyo gitumye mugomba kuntera amabuye?”


Nimba ntakora ibikorwa vya Data, ntimunyizere!


Maze Yesu arababwira ati: “Umuco wanje usigaje igihe gito co kubaboneshereza. Nimugendere mu muco bigishoboka, umwijima utarabahwikira. Umuntu wese agendera mu mwijima ntashobora kumenya iyo ariko araja.


Naguhesheje icubahiro hano kw’isi mu kurangiza igikorwa wampaye.


Yesu arababwira ati: “Ivyokurya vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, Umwana nta co ashobora gukora acigeneye, ariko akora ico abonye Se akora gusa. Ico se akora, ni co n’Umwana akora.


Intahe mfise iraruta iya Yohana. Kuko ibikorwa Data yampaye gushitsa ari na vyo ndiko ndakora, bishinga intahe ko ari Data yantumye.


Yesu aravuga ati: “Ndi kumwe namwe igihe gito gusa, hanyuma nzoca nsubira ku wantumye.


Twebwe ntidushobora kureka kuvuga ivyo twiboneye kandi twiyumviye.”


None rero, uko akaryo kose kabonetse, tugirire neza bose, na canecane abo mu nzu y’abizera.


Akaryo kose muronse mugakoreshe neza, kuko imisi ari mibi.


Mugire ubwenge ku kuntu mubana n’abo hanze; kandi mukoreshe neza akaryo kose muhawe.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan