Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Yohana 4:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Yesu aramubwira ati: “Genda uhamagare umugabo wawe uce ugaruka.”

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Yesu aramubgira, ati Genda uhamagare umugabo wawe, uheze ugaruke ino.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Yohana 4:16
9 Iomraidhean Croise  

Maze aca amuzana aho Yesu ari. Nuko Yesu yihweza Petero, aramubwira ati: “Uri Simoni mwene Yohana, ariko ugiye kwitwa Kefa” (bisigura Petero).


Yesu amubaza ubugira gatatu Yesu ati: “Simoni mwene Yohana, mbega urankunda?” Petero aca arababara kuko Yesu amubajije ubugira gatatu ati: “Mbega urankunda?” Aramwishura ati: “Mwami, wewe uzi vyose, urazi ko ndagukunda.” Yesu aramubwira ati: “Gaburira intama zanje.


Wa mugore aramubwira ati: “Nyakwubahwa, mpa kuri ayo mazi kugira ngo sinzosubire kunyoterwa ngo name nza ngaha kuvoma.”


Aramwishura ati: “Nta mugabo mfise.” Yesu aramubwira ati: “Uvuze ukuri! Nta mugabo ufise.


Kuko wabanye n’abagabo batanu, kandi n’uwo muri kumwe ubu si umugabo wawe. Ivyo uvuze ni ukuri.”


Nta kintu na kimwe mu vyaremwe kinyegejwe imbere y’Imana. Imbere yayo vyose vyambaye ubusa kandi biragaragara. Kandi twese izotubaza ivyo twakoze vyose.


Nzokwica abana biwe bose. Aho ni ho amashengero yose azomenya ko ndi Imana isuzuma ivyanyegejwe mu mitima no mu vyiyumviro kandi ko nzoha umuntu wese impembo ikwiranye n’ivyo yakoze.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan