Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Yohana 3:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Nikodemu aramubaza ati: “Mbega umuntu ashaje yoshobora kuvuka ubwa kabiri gute? Yoshobora gusubira mu nda ya nyina, akongera akavuka?”

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nikodemo aramubaza, at’ Umuntu ashobora ate kuvyarwa ashaje? Mbega yoshobora gusubira mu nda ya nyina akavuka?

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Yohana 3:4
7 Iomraidhean Croise  

Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kubona Ubwami bw’Imana, atavutse ubwa kabiri.”


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana atavyawe n’amazi na Mpwemu.


Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, ni mutarya umubiri w’Umwana w’Umuntu mukanywa n’amaraso yiwe, nta bugingo muzogira muri mwebwe.


Benshi bo mu bigishwa biwe bavyumvise baravuga bati: “Izi nyigisho ziragumye. Ni nde yozemera?”


Mu bisanzwe ubutumwa bw’umusaraba ni ubujuju ku bariko barahona, ariko kuri twebwe abariko barakizwa, ni ubushobozi bw’Imana.


Umuntu adafise Mpwemu ntashobora kwakira ibiva kuri Mpwemu w’Imana, kuko bisa n’ubujuju kuri we, kandi ntashobora kubitahura kuko bisesangurwa biciye muri Mpwemu.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan