Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Yohana 3:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Umusi umwe aza kuraba Yesu mw’ijoro aramubwira ati: “Rabi, turazi ko uri umwigisha yavuye ku Mana, kuko nta muntu yoshobora gukora ibitangaza ukora, Imana itari kumwe na we.”

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 uwo aza kuri we mw ijoro, aramubgira, ati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umwigisha yavuye ku Mana, kukw ata muntu ashobora gukora ibimenyetso nk’ivyo ukora, shit’ Imana iri kumwe na we.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Yohana 3:2
30 Iomraidhean Croise  

Barungika bamwe mu bigishwa babo bari kumwe n’abashigikiye Herode Antipa. Baramubwira bati: “Mwigisha, turazi ko utunganye, kandi ko wigisha inzira ihimbara Imana mu kuri kwose. Ntuhengamira ku ruhande na rumwe kuko utarobanura abantu ufatiye ku cubahiro cabo.


Bakunda kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro y’abantu, bagakunda ko babita Rabi risobanurwa ngo Mwigisha.


Ariko mwebwe, ntimukemere ko babita Rabi kuko mufise umwigisha umwe, namwe mukaba muvukana.


Baza aho ari baramubaza bati: “Mwigisha, turazi ko uri umuntu w’imvugakuri. Wewe ntutinya igitsure c’abantu, kuko ntuterwa ubwoba n’igihagararo cabo, ahubwo wigisha inzira ihimbara Imana mu kuri kwose. None tubwire: Biremewe gutanga ikori turiha Kayisari canke ntivyemewe?


Yesu ahindukiye, abona ko bamukurikiye. Arababaza ati: “Mwipfuza iki?” Baramwishura bati: “Rabi (bisigura ‘Mwigisha’), watse indaro he?”


Ariko nimba nkora ibikorwa vya Data, naho mutonyizera jewe, nimwizere ibikorwa nkora, kugira ngo mumenye kandi mutahure ko Data ari muri jewe nanje nkaba muri we.”


Naho Yesu yakoreye ibitangaza vyinshi imbere y’abantu, benshi ntibamwizeye.


Mbega ntiwizera ko ndi muri Data, Data na we akaba muri jewe? Amajambo ndababwira si ayo nigenera, ahubwo Data ambamwo ni we akorera muri jewe igikorwa ciwe.


Iyo ntakorera hagati muri bo ibitangaza ata muntu n’umwe yigeze akora, ntibokwagirijwe icaha. Ariko barabonye ivyo nakoze vyose, yamara baranyanse, banka na Data.


Iki ni co gitangaza ca mbere Yesu yakoze, akaba yagikoreye i Kana mu ntara ya Galilaya. Uko ni ko Yesu yerekanye icubahiro ciwe, maze abigishwa biwe baramwizera.


Yesu aca aramuhamagara ati: “Mariya.” Na we arahindukira aramuraba, aca arasemerera mu rurimi rw’Igiheburayo ati: “Rabuni!” (bisigura “Mwigisha”).


Nuko baza aho Yohana ari bamubwira bati: “Rabi, wa muntu yari kumwe na we hakurya y’uruzi Yorodani, umwe washingira intahe, ariko arabatiza kandi abantu bose baja iyo ari.”


Muri ico gihe, abigishwa bariko baramwinginga bati: “Rabi, gira ico ufunguye.”


Intahe mfise iraruta iya Yohana. Kuko ibikorwa Data yampaye gushitsa ari na vyo ndiko ndakora, bishinga intahe ko ari Data yantumye.


Abantu isinzi baramukurikira kuko bari babonye ibitangaza yari yakoze mu gukiza abarwaye.


Ariko benshi mu bari aho baramwizeye, bavuga bati: “None Kristo niyaza azokora ibitangaza birenze ivyo uwu ariko arakora?”


Bamwe mu Bafarisayo baravuga bati: “Uwu muntu yakoze ibi ntava ku Mana, kuko ntiyubahiriza umusi w’Isabato.” Ariko abandi barabaza bati: “None umunyavyaha yoshobora gukora ibitangaza nk’ibi?” Maze ivyo bituma bacanamwo.


ingene Imana yarobanuje Yesu w’i Nazareti Mpwemu Yera n’ubushobozi, n’ukuntu yagendagenda hose agira neza, akiza n’abari mu gacinyizo ka wa mubi, kuko Imana yari kumwe na we.


Yemwe Bisirayeli, Yesu w’i Nazareti yari umuntu yashingiwe intahe n’Imana mu bitangaza, utwumiza n’ibimenyetso Imana yamukoresheje muri mwebwe, nk’uko ubwanyu mubizi.


Kandi, bivuye ku kubohwa kwanje, bene Data ba hano barashize amanga mu Mwami, bituma bashobora kuvuga Ijambo ry’Imana bashize ubwoba.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan