Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Yohana 21:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Inyuma y’ivyo, Yesu yiyereka abigishwa biwe ku kiyaga c’i Tiberiya. Ng’uku uko vyagenze:

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Hanyuma y’ivyo Yesu yiyereka abigishwa ukundi gusha, ari ku kiyaga c’i Tiberiya, kand’ uburyo yiyerekanye n’ubu:

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Yohana 21:1
11 Iomraidhean Croise  

Ariko maze kuzuka, nzobatanga kuja i Galilaya, ndabarindirireyo.”


Nuko ba bigishwa cumi n’umwe baja i Galilaya, ku musozi Yesu yari yarabarangiye.


Nuko rero, nimugende mwihuta mubwire abigishwa biwe ko yazutse kandi ko agiye kubarindirira i Galilaya. Ni ho muzomubonera. Ubwo ni bwo butumwa nari ndabafitiye.”


Inyuma y’aho Yesu arongera yiyereka, mu bundi buryo, babiri bo muri bo bariko baja mu gihugu hagati.


Mu nyuma Yesu yiyereka bamwe cumi n’umwe bariko barasangira. Arabahambarira kubera ukutizera n’ugukomantaza imitima kuko banse kwemera ivyo babwiwe n’abamubonye amaze kuzuka.


Nimugende mubibwire abigishwa biwe, na canecane Petero, ko Yesu agiye kubarindirira i Galilaya. Aho ni ho muzomusanga nk’uko yabibabwiye.”


Ubwo bwagira gatatu Yesu yiyereka abigishwa inyuma yo kuzuka kwiwe.


Hanyuma y’ivyo, Yesu arajabuka aja ku ruhande rwo hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya (ari co kiyaga c’i Tiberiya).


N’ubundi bwato bwinshi buvuye i Tiberiya, buraza bushika hamwe Umwami Yesu yahezagirira imikate abantu bakayifungura.


Inyuma y’urupfu rwiwe, yamaze imisi mirongo ine aza ariyereka izo ntumwa, azereka n’ibemenyetso bigaragara vyemeza ko ari muzima, yongera ababwira ivy’Ubwami bw’Imana.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan