2 Yesu n’abigishwa biwe na bo bari batumiwe muri ubwo bukwe.
2 Yesu na we atorerwa ubukwe, bo n’abigishwa biwe.
Ntazotongana canke ngo avuze urwamo; nta n’umwe azokwumva ijwi ryiwe mu mabarabara.
Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mwabikoreye urya muntu muto muri aba bene Data, ni jewe mwabikoreye.’
Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mutabikoreye umwe muri aba bato, ni jewe mutabikoreye.’
Hanyuma y’ivyo, Yesu aja i Kaperinawumu ari kumwe na nyina, na bene nyina n’abigishwa biwe, bahamara imisi mike.
Abigishwa biwe baca baribuka ijambo ryo mu Vyanditswe Vyera rivuga ngo: “Ishaka mfitiye inzu yawe ryaka muri jewe nk’umuriro.”
Amaze kuzuka, abigishwa biwe baciye bibuka ko ivyo yari yarabivuze, baca bizera Ivyanditswe n’amajambo Yesu yari yaravuze.
Umuvinyu uheze urubanza rutarahera, Mariya nyina wa Yesu abwira Yesu ati: “Nta muvinyu basigaranye.”
Hanyuma y’ivyo, Yesu ajana n’abigishwa biwe mu ntara ya Yudaya, agumana na bo igihe abatiza.
Ariko Yesu ubwiwe si we yabatiza, ahubwo bari abigishwa biwe.
Abigishwa barabazanya bati: “Mbega hari uwoba yamuzaniye ivyokurya?”
(Ico gihe, abigishwa biwe bari bagiye mu gisagara kurondera ivyokurya.)
Bamaze guhaga bose, Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Nimwegeranye utumanyu twasigaye, ntihagire ibipfa ubusa.”
Bugorovye, abigishwa ba Yesu bamanuka ku kiyaga.
Benshi bo mu bigishwa biwe bavyumvise baravuga bati: “Izi nyigisho ziragumye. Ni nde yozemera?”
Kuva ico gihe benshi mu bigishwa biwe baca baragenda ntibasubira kumukurikira.
Yesu ahindukirira bamwe cumi na babiri arababaza ati: “Mbega namwe murashaka kwigira?”
Yesu aca arababwira ati: “Sinabatoranije muri cumi na babiri? Ariko umwe muri mwebwe ni uwa Satani.”
(Aho yariko avuga Yuda, mwene Simoni Isikariyote. Kuko naho yari umwe muri bamwe cumi na babiri, ni we yari agiye kumugurisha.)
Umwe mu bigishwa biwe yitwa Andereya, yavukana na Simoni Petero, abwira Yesu ati:
Nuko bene nyina ba Yesu baramubwira bati: “Va mu ntara ya Galilaya uje mu ntara ya Yudaya kugira ngo abigishwa bawe babayo babone ibikorwa ukora.
Amubonye, aca amujana muri Antiyokiya, bompi bamarana umwaka n’ishengero, bigisha abantu benshi cane. Aho muri Antiyokiya ni ho abigishwa bitiwe ubwa mbere Abakristo.
Nuko abigishwa bo muri Antiyokiya, bivanye n’ico umwe umwe wese ashoboye, bafata ingingo yo kurungikira imfashanyo abizera b’i Yudaya.
Nuko rero iyo murya canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mubikore muhesha Imana icubahiro.
Umugore aba abohewe ku mugabo iyo akiriho. Ariko umugabo amaze gupfa, umugore aba afise uburenganzira bwo kurongorwa n’uwo ashaka, mu gihe uwo mugabo yubaha Imana.
Kandi ivyo mukora vyose, mu mvugo no mu ngiro, mubikore mw’izina ry’Umwami wacu Yesu, mushima Imana Data wa twese ku bwiwe.
Ukwubakana kwubahirizwe na bose, kandi ntihakagire icanduza uburiri bw’abubakanye; kuko Imana izocira urubanza abagendera mu bushakanyi no mu busambanyi.
Ehe mpagaze ku muryango ndiko ndadodora. Uwumva ijwi ryanje akugurura umuryango, ndinjira iwe dusangire.