Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Yohana 16:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Uwo niyaza, azokwemeza abantu b’iyi si ivy’icaha, ukugororoka hamwe n’urubanza.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Uwo ni yaza, azohinyuza ab’ isi, abemeze ivy’ icaha, n’ivy’ ukugororoka, n’ivy’ amateka;

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Yohana 16:8
10 Iomraidhean Croise  

aje gucira imanza abantu bose, no kwemeza abanyavyaha bose ibikorwa vyo kutubaha Imana bakoze, n’ibitutsi vyose abatubaha Imana bayitutse.”


Abari ngaho bose bavyumvise bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa bati: “Bagabo benewacu, dukore iki?”


Ariko abatizera canke abadatahura ivyo kuvuga indimi zitamenyekana nibaza bagasanga mwese muriko muravugishwa, bazokwemezwa mu mitima yabo ko ari abanyavyaha, kandi ko bazocirirwa urubanza n’ivyo muvuga,


Bavyumvise, baca batangura gusohoka umwe umwe uhereye ku bakuze, kugeza aho Yesu asigarana na wa mugore ahagaze imbere yiwe.


Hari n’umwe muri mwebwe ashobora kunyagiriza icaha? None nimba ndababwira ukuri, ni kuki mutanyizera?


Ariko ndababwire ukuri, vyobabera vyiza ko ngenda, kuko nintagenda, Umwitsa ntazobazako. Ariko ninagenda, nzoca ndamubarungikira.


Ab’isi barihenda ku vy’icaha kuko banse kunyizera;


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan