Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Yohana 13:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Buca ari Umusi mukuru wa Pasika, Yesu yari azi ko igihe ciwe co kuva mw’isi ngo asubire kwa Se cashitse. Yari yarakunze abiwe bari mw’isi, kandi yarabakunze gushika ku mwanya wa nyuma.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Umusi wa Pasika utarashika, Yesu amenye kw igihe ciwe gishitse co kuva mw isi ngw aje kwa Se, uko yakunda abiwe bari mw isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Yohana 13:1
44 Iomraidhean Croise  

Agarutse aho abigishwa biwe bari, ababwira ati: “Mbega muracasinziriye, muriruhukiye? Ehe, isaha irageze, Umwana w’Umuntu agira atangwe mu maboko y’abanyavyaha.


mubigishe gushira mu ngiro ivyo nabategetse vyose. Kandi mumenye ko ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w’isi.”


Imisi yose namana namwe mu rusengero, ntimwigeze mumfata. Ariko noneho igihe canyu ni iki; umwijima ugira uganze.”


Igihe ciwe co kuduzwa mw’ijuru cegereje, Yesu afata ingingo yo kuja i Yerusalemu.


Imisi mikuru ya Pasika Abayuda bahimbaza yari yegereje, kandi abantu benshi bava mu mihingo yose y’igihugu bakaja i Yerusalemu kugira ngo bagire umugenzo wo kwihumanura imbere y’uko Pasika ishika.


Yesu arabishura ati: “Igihe kirashitse Umwana w’Umuntu ahabwe icubahiro ciwe.


Kubera Yuda ari we yari ajejwe ikigega, bamwe bibajije ko Yesu amusavye kugura ibikenewe vy’umusi mukuru, canke kugira ico aha abakene.


Yesu yari azi ko Se yamuhaye ububasha ku bintu vyose. Yari azi ko yaje ava ku Mana kandi ko yagira asubireyo.


Ndabahaye icagezwe gishasha: Nimukundane. Nk’uko nabakunze, ni ko namwe mukwiye gukundana.


Mwibuke ivyo nababwiye: Ngiye kugenda ariko nzogaruka aho muri. Iyo muba munkunda, mwari kunezerezwa n’uko ngiye kuja kwa Data, kuko Data aranduta cane.


ariko aje kugira ngo isi imenye ko nkunda Data kandi ko nkora nk’uko Data yantegetse. Nimuhaguruke, tugende.


Naje mva kwa Data nza mw’isi, none ngiye kuva mw’isi nsubire kwa Data.”


Yesu ahejeje kuvuga ayo amajambo, arangamiza mw’ijuru asenga ati: “Data, igihe kirashitse. Nuheshe Umwana wawe icubahiro, kugira ngo na we aguheshe icubahiro.


Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uwayo.


Narakumenyekanishije muri bo, kandi nzobandanya ndakumenyekanisha kugira ngo urukundo unkunda rube muri bo kandi nanje mbe muri bo.”


None Data numpe ca cubahiro nari mfise ndi kumwe nawe imbere y’uko isi ibaho.


Maze, kuko Yesu yari azi ibigiye kumushikira, arabegera arababaza ati: “Murondera nde?”


Inyuma y’ivyo, Yesu amenye ko vyose birangiye, kandi kugira ngo Ivyanditswe bishike, aravuga ati: “Ndanyotewe.”


Imisi mikuru ya Pasika y’Abayuda yegereje, Yesu aduga i Yerusalemu.


Ico gihe Umusi mukuru wa Pasika w’Abayuda wari wegereje.


Maze abantu baca bagerageza kumufata ariko nta n’umwe yashoboye kumukozako ukuboko kuko igihe ciwe kitari bwashike.


Yesu arababwira ati: “Igihe canje ntikirashika. Kuri mwebwe igihe cose ni ciza.


Yesu yavuze ayo majambo ariko yigishiriza mu rusengero, ahagaze hafi y’ico batorezamwo amashikanwa. Ariko nta n’umwe yamufashe kuko igihe ciwe kitari bwashike.


Ariko naho bimeze uko, dufise intsinzi yuzuye ku bwa Kristo yadukunze.


Ni we azobaha gushikama gushika kw’iherezo, kugira ngo muzobe mutagira umugayo ku musi Yesu Kristo azogarukirako.


Kuko twahindutse abafatanije na Kristo, nimba vy’ukuri tuzigamye, gushitsa kw’iherezo, ivyizigiro bishikamye nk’ivyo twatanguranye.


Ariko Kristo ni umwizigirwa nk’Umwana yahawe kuganza inzu y’Imana. Kandi iyo nzu ni twebwe, niyo twagumya ugushira amanga n’ivyizigiro dufise muri Kristo.


Ico twipfuza n’uko mubandanya mwerekana uwo mwete gushika kw’iherezo, kugira ngo ivyo mwiteze mudakekeranya bize bishike.


Nuko rero mwame mugavye kandi mwirinde. Ivyizigiro vyanyu vyose mubishire ku buntu muzohabwa igihe Yesu Kristo azohishurirwa.


Twebwe dukunda kuko Imana yabanje kudukunda.


no kuri Yesu Kristo we cabona co kwizigirwa, imfura mu bapfuye, umutware aganza abami bo kw’isi bose, bibane namwe. Icubahiro cose kibe ic’uwadukunze, akatubohora mu vyaha vyacu abanje gusesa amaraso yiwe.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan