Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Yohana 11:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Yesu avyumvise, aravuga ati: “Ingwara ya Lazaro si iyo kumwica. Ahubwo ni iyo kwerekana icubahiro c’Imana, kugira ngo Umwana w’Imana ahabwe icubahiro biciye muri yo.”

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yesu avyumvise aravuga, at’ Iyo ndwara s’iyo kumwica, ariko n’iyo gushimagirisha Imana, kugira ngo n’Umwana w’Imana imushimagirishe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Yohana 11:4
20 Iomraidhean Croise  

Ariko nimba nkora ibikorwa vya Data, naho mutonyizera jewe, nimwizere ibikorwa nkora, kugira ngo mumenye kandi mutahure ko Data ari muri jewe nanje nkaba muri we.”


Yesu aramubwira ati: “Sinakubwiye ko niwizera uja kubona ubwiza bw’Imana?”


Data, hesha izina ryawe icubahiro.” Nuko ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Nararihesheje icubahiro, kandi nzosubira ndariheshe icubahiro.”


Yesu ahejeje kuvuga ayo amajambo, arangamiza mw’ijuru asenga ati: “Data, igihe kirashitse. Nuheshe Umwana wawe icubahiro, kugira ngo na we aguheshe icubahiro.


Abanje bose ni abawe, kandi abawe bose ni abanje. Kandi icubahiro canje kigaragarira muri bo.


None Data numpe ca cubahiro nari mfise ndi kumwe nawe imbere y’uko isi ibaho.


Iki ni co gitangaza ca mbere Yesu yakoze, akaba yagikoreye i Kana mu ntara ya Galilaya. Uko ni ko Yesu yerekanye icubahiro ciwe, maze abigishwa biwe baramwizera.


kugira ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se. Uwutubaha Umwana, ntiyubaha na Se yamutumye.


Yesu arabishura ati: “Nimba niha icubahiro, icubahiro canje nta co kimaze. Data, uwo muvuga ko ari Imana yanyu, ni we ampa icubahiro.


Basubira gutumako wa muntu yahora ari impumyi ubugira kabiri, baramubwira bati: “Ubaha Imana, utubwire ukuri, kuko turazi ko urya muntu yagukijije ari umunyavyaha.”


Yesu arabishura ati: “Ntivyavuye ku vyaha vyiwe canke ku vy’abavyeyi biwe, ariko ibi vyabaye kugira ngo ubushobozi bw’Imana bwiyerekanire muri we.


Nuko rero ndabaza: None abantu b’Imana baratsitaye bagwa ubutakivyuka? Haba na mba! Ariko kugwa kwabo kwatumye agakiza gashikira Abanyamahanga, kugira ngo bibatere kugira ishari, maze bipfuze ako gakiza na bo.


Ndabipfuriza kwama mwuzuye ivyamwa vy’ukugororoka biva kuri Kristo Yesu, kugira ngo biheshe Imana icubahiro n’amashimwe.


Mfise ivyizigiro vyinshi ko ntazokwigera maramazwa, ariko ko nzokomeza gushira ubwoba, nk’uko namye. Kandi ndizera ko ubu n’ibihe vyose Kristo azokwama ahabwa icubahiro mu mubiri wanje, haba mu kubaho kwanje canke mu rupfu rwanje.


Biciye muri Kristo, mwahawe kwizera Imana. Kandi ukwizera kwanyu n’ivyizigiro vyanyu mwabishize mu Mana kuko yamuzuye imukuye mu bapfuye, ikamuha ubwiza.


Woba wahawe ingabire yo kuvuga? Uvuge nk’aho Imana ari yo iriko ivugira muri wewe. Woba wahawe ingabire yo gufasha abandi, bikorane inkomezi zose Imana itanga. Ivyo bizotuma muri vyose Imana ihabwa icubahiro mw’izina rya Yesu Kristo. Icubahiro cose n’ubushobozi bibe ivy’Imana ubu n’ibihe bidashira! Amen.


Nibabatuka babahora izina rya Kristo, muze munezerwe kuko Mpwemu w’ubwiza ari we Mpwemu w’Imana ari kuri mwebwe.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan