Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Yohana 10:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Umurinzi w’irembo aramwugururira, kandi intama zirumva ijwi ryiwe. Ahamagara intama ziwe mu mazina yazo, akaziturutsa.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Umuteramyi w’irembo aramwugururira, kand’ intama zumva ijwi ryiwe; ahamagara iziwe ntama mu mazina yazo, akaziturutsa.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Yohana 10:3
32 Iomraidhean Croise  

Jewe ndi umwungere mwiza; ndazi intama zanje kandi na zo ziranzi,


Ndafise n’izindi ntama zitari muri uru ruhongore. Na zo ntegerezwa kuzizana. Zizokwumva ijwi ryanje, maze habe umukuku umwe n’umwungere umwe.


Amaze kuzisohora zose, azija imbere, na zo zikamukurikira kuko zizi ijwi ryiwe.


Ni jewe rembo; umuntu wese yinjiye aciye muri jewe azokizwa. Azokwinjira, asohoke kandi aronke ikimutunga.


Ariko abo Data yampaye bose, bazoza aho ndi kandi sinzokwigera ndabirukana.


Abavugishwa n’Imana banditse bati: ‘Bose bazokwigishwa n’Imana.’ Ni co gituma umuntu wese yumvirije Data akakira inyigisho ziwe, aza aho ndi.


Abo yatoranije kera, yarabahamagaye; abo yahamagaye, yabahinduye abagororotsi; abo yahinduye abagororotsi, yabahaye ubwiza.


kuko hariho akaryo keza ko gukorera Imana naho hari abangwanya benshi.


Kandi ndakwinginze nawe dufatanije mu gikorwa, ngo ufashe abo bagore, kuko babanye nanje cane mu gikorwa co kubwira abandi Ubutumwa Bwiza, co kimwe na Kelementi n’abandi twakoranye, abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo.


Kandi natwe mudusengere, kugira ngo Imana itwugururire umuryango wo kuvuga Ubutumwa, tumenyeshe abantu ibanga rya Kristo, iryo mbohewe.


Ariko, imfatiro zikomeye zashizweho n’Imana zirashimangiye. Zanditsweko aya majambo ngo: “Uhoraho arazi abiwe”; kandi ngo: “Abatura izina ry’Uhoraho bose bave mu kugabitanya.”


Imana yabahishuriye ko ivyo bavugishwa bitari biberekeye, ahubwo ko vyari vyerekeye mwebwe. Ubwo butumwa namwe mwarabubwiwe n’ababuvuga basunitswe na Mpwemu Yera yarungitswe avuye mw’ijuru. Ivyo ni igitangaza kuko n’abamarayika baripfuza kubibona bishika.


Twebwe turi ab’Imana, kandi abazi Imana baratwumviriza; ariko abatari ab’Imana ntibatwumviriza. Uko ni ko dushobora gutandukanya umuntu afise Impwemu y’ukuri n’umuntu afise impwemu y’ibinyoma.


Nizeye ko tuzobonana vuba, tukavugana amaso mu yandi.


Umuntu wese atasanze izina ryiwe ryanditswe mu gitabu c’ubugingo, atererwa muri ico kiyaga caka umuriro.


Ehe mpagaze ku muryango ndiko ndadodora. Uwumva ijwi ryanje akugurura umuryango, ndinjira iwe dusangire.


Kuko Umwagazi w’intama ari ku ngoma ari we azobabera umwungere, azobaha ku mazi y’ubugingo. ‘Kandi Imana izobahanagura amosozi yose ku maso yabo.’”


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan