Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Yohana 10:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ndababwire ukuri, umuntu wese yinjira adaciye mu muryango w’uruhongore rw’intama, ariko akuririra ahandi, uwo ni igisuma kandi ni umwambuzi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūdaca mw irembo ry’urugo rw’intama, arikw akūririra ahandi, uwo aba ar’ igisuma n’umwambuzi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Yohana 10:1
28 Iomraidhean Croise  

Mwirinde abavugishwa b’ibinyoma, baza muri mwebwe bambaye nk’intama inyuma, ariko imbere muri bo bameze nk’ibikoko vy’inkazi.


Nuko Yesu yongera kubabwira ati: “Ndababwire ukuri, ni jewe rembo ry’intama.


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kubona Ubwami bw’Imana, atavutse ubwa kabiri.”


Mbega hoho abantu bovuga ivyiwe bate ata wabatumye? Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Ese ukuntu ibirenge vy’abazanye Ubutumwa Bwiza ari vyiza!”


Kuko abakora ivyo, ntibariko bakorera Umwami wacu Kristo, ahubwo bakorera inyungu zabo gusa. Amajambo yabo yo kuryosharyosha hamwe n’imvugo nziza, ni vyo bahendesha abantu b’imitima yoroshe.


Bakwiye kuzibwa iminwa kuko bariko basambura inzu y’Imana mu kwigisha ivyo batari bakwiye kwigisha, kandi ivyo babikora ku bw’inyungu zabo mbi.


Nta muntu n’umwe yiha ico cubahiro co kuba umuherezi mukuru; Imana ni yo imuhamagarira ico gikorwa, nk’uko yahamagaye Aroni.


Ivy’ako gakiza, abavugishwa n’Imana ba kera, ari bo bavugishijwe ivyerekeye ubwo buntu mwagira muhabwe, baragerageje kubirondera no kubimenya.


Ariko harabayeho kandi n’abavugishwa b’ibinyoma badutse mu bantu, nk’uko no muri mwebwe hazokwaduka abigisha b’ibinyoma. Bazozana mu mpisho inyigisho z’ibinyoma zisambura, zihakana n’Umwami Nyeninganji yabacunguye, abo bikwegere uguhona kwihuse.


Mu gukunda amaronko kwabo, bazobakuramwo inyungu bakoresheje amajambo y’uruhendo. Igihano cabo carateguwe kuva kera, kandi uguhona kwabo ntigutevye.


Bakundwa, ntimukizere abantu bose avuga ko bavugishwa. Ariko mubageze kugira ngo murabe ko impwemu ibakoresha iva ku Mana. Kuko hari abavugishwa b’ibinyoma benshi bakwiragiye mw’isi.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan