Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Yohana 1:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 aza gushingira intahe uwo muco kugira ngo bose bizere kubera intahe yiwe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 uwo yazanywe no kuba igishingantahe, ngw ashingire intahe umuco, kugira ngo bose bizere kubgiwe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Yohana 1:7
16 Iomraidhean Croise  

Ariko abamwakiriye bose, bakizera izina ryiwe, yabaye uburenganzira bwo guhinduka abana b’Imana.


(Yohana yamushingiye intahe aho yasemerera ati: “Uwu ni we navugako igihe navuga nti: ‘Uwuje inyuma yanje aranduta cane kuko yariho jewe ntarabaho.’ ”)


Iyi ni yo ntahe Yohana yashinze igihe abakuru b’Abayuda b’i Yerusalemu bamutumako abaherezi n’Abalewi ngo bamubaze uwo ari we.


Abonye Yesu arengana, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana!”


Umuco w’ukuri wakira umuntu wese wariko uraza mw’isi.


Pawulo arababwira ati: “Umubatizo wa Yohana wari uwo kwihana. Yahamagarira abantu kwizera uwagira aze inyuma yiwe, uwo na we ni Yesu.”


Mwese muri abana b’Imana kubera kwizera Kristo Yesu,


Natoranijwe kugira ngo nsigurire umuntu wese ivy’iryo banga ryari ryarahishijwe n’Imana, Umuremyi wa vyose, kuva mu bihe vya kera.


yo ishaka ko abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ukuri.


Ubuntu bw’Imana buzana agakiza bwarahishuwe ku bantu bose.


Imana ntitebeje gushitsa isezerano ryayo, nk’uko bamwe biyumvira ko iritebeje. Yihanganira mwebwe, kuko idashaka ko hari n’umwe aranduka, ariko ishaka ko bose bashika ku kwihana.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan