6 Imana yatumye umuntu yitwa Yohana,
6 Haje umuntu yatumwe n’Imana, izina ryiwe ni Yohana;
Kuko uwo ni we Ivyanditswe bivugako ngo: ‘Ngira ndungike intumwa yanje imbere yawe igutegurire inzira.’
Mbega umubatizo wa Yohana wavuye he? Ku Mana yo mw’ijuru canke ku bantu?” Baravugana hagati yabo bati: “Nitwavuga tuti: ‘Wavuye mw’ijuru,’ ahava atubaza ati: ‘None ni kuki mutizeye ivyo Yohana yavuze?’
Ariko wa mumarayika aramubarira ati: “Zakariya we, ntutinye, kuko Imana yumvise ugusenga kwawe. Umugore wawe Elizabeti agiye kukuvyarira umwana w’umuhungu, na we uze umwite Yohana.
Kandi nawe, mwana wanje, uzokwitwa uwuvugishwa n’Iyisumbavyose, kuko uzokwitangira imbere Umwami Imana, ukamutegurira inzira.
Nanje ubwanje sinari ndamuzi, ariko uwantumye kubatiza mu mazi ni we yambwiye ati: ‘uwo uzobona Mpwemu yururukirako akamugumako, ni we azobatiza abantu muri Mpwemu Yera.’
Mwebwe ubwanyu muri ivyabona ko navuze nti: ‘Jewe sindi Kristo, ahubwo natumwe kumutegurira inzira.’
Imbere y’ukuza kwa Yesu, Yohana yigisha ukwihana n’ukubatizwa ku bantu ku Bisirayeli bose.