Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Yohana 1:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Umuco wakiye mu mwijima, ariko umwijima ntiwawumenye.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Uwo muco wākira mu mwiza, arik’ umwiza ntiwawākiriye.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Yohana 1:5
10 Iomraidhean Croise  

Ni ko bimeze no kw’itara, nta woridomeka ngo ace aryubikako igiseke. Ahubwo arishira ku giterekwako itara kugira ngo riboneshereze abari mu nzu bose.


Jambo yari mw’isi kandi isi yaremwe na we, ariko ab’isi ntibamumenye.


kugira ngo ubugurure amaso, bave mu mwijima baje mu muco, ubakure mu bubasha bwa Satani ubazane ku Mana, baharirwe ivyaha vyabo, maze bahabwe ikibanza mu bejejwe babihawe no kunyizera.’


Kuko banse kumenya Imana, na yo yarabahevye, irabareka ngo bakurikire ivyiyumviro vyabo bipfuye, bakore ibintu batari babereye gukora.


Umuntu adafise Mpwemu ntashobora kwakira ibiva kuri Mpwemu w’Imana, kuko bisa n’ubujuju kuri we, kandi ntashobora kubitahura kuko bisesangurwa biciye muri Mpwemu.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan