5 Umuco wakiye mu mwijima, ariko umwijima ntiwawumenye.
5 Uwo muco wākira mu mwiza, arik’ umwiza ntiwawākiriye.
Ni ko bimeze no kw’itara, nta woridomeka ngo ace aryubikako igiseke. Ahubwo arishira ku giterekwako itara kugira ngo riboneshereze abari mu nzu bose.
Jambo yari mw’isi kandi isi yaremwe na we, ariko ab’isi ntibamumenye.
kugira ngo ubugurure amaso, bave mu mwijima baje mu muco, ubakure mu bubasha bwa Satani ubazane ku Mana, baharirwe ivyaha vyabo, maze bahabwe ikibanza mu bejejwe babihawe no kunyizera.’
Kuko banse kumenya Imana, na yo yarabahevye, irabareka ngo bakurikire ivyiyumviro vyabo bipfuye, bakore ibintu batari babereye gukora.
Umuntu adafise Mpwemu ntashobora kwakira ibiva kuri Mpwemu w’Imana, kuko bisa n’ubujuju kuri we, kandi ntashobora kubitahura kuko bisesangurwa biciye muri Mpwemu.