10 Jambo yari mw’isi kandi isi yaremwe na we, ariko ab’isi ntibamumenye.
10 Yari mw isi, kand’ isi yaremwe na we, arikw isi ntiyamumenya;
Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.
Yaje mu biwe, ariko abiwe ntibamwakira.
Nta muntu n’umwe yigeze abona Imana. Ariko Umwana w’ikinege, na we ubwiwe asanzwe ari Imana, akaba ari mu gikiriza ca Se, ni we yayiduhishuriye.
Imana ni we yakoresheje mu kurema vyose; mu vyaremwe vyose nta na kimwe Imana yaremye itamukoresheje.
Umuco wakiye mu mwijima, ariko umwijima ntiwawumenye.
Data ugororotse, naho isi itakuzi, jewe ndakuzi, kandi aba barazi ko ari wewe wantumye.
Ariko Yesu arababwira ati: “Gushika n’ubu Data ariko arakora; kandi nanje ndiko ndakora.”
Ariko ntiyigeze ihengeshanya kubiyereka mu vyiza yabakorera: yabaha imvura iva kw’ijuru n’umwimbu mwinshi mu gihe cavyo, ibaha ivyokurya bikwiye, ikuzuza imitima yanyu umunezero.”
Kuko Imana mu bwenge bwayo yabonye ko ab’isi batoyimenya bakoresheje ubwenge bwabo, ni co gituma yahisemwo gukirisha abizera amajambo y’Ubutumwa Bwiza, ayo bamwe bita ubujuju.
Nta n’umwe wo mu baganza b’iki gihe yigeze abutahura, kuko iyo baba barabutahuye, ntibaba barabamvye Umwami w’ubwiza.
Ariko tuzi ko hari Imana imwe, ari yo Data, yaremye vyose kandi tubayeho ku bwayo. Hari Umwami umwe, ari we Yesu Kristo. Vyose vyaremewe muri we, kandi muri we ni ho twaherewe ubugingo.
kuko vyose vyaremwe biciye muri we: ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi, ibiboneka n’ibitaboneka, zaba intebe z’ubwami, ubukuru, ubutware, ubutegetsi; vyose vyaremwe biciye muri we, kandi biremerwa kuba ivyiwe.
Mu kwizera turatahura ko isi yose yaremwe n’Ijambo ry’Imana; ko ivyo tubona vyavuye mu bitaboneka.
Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye.