Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Luka 8:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Yowana muka Kuza umunyabigega wa Herode, Suzana hamwe n’abandi benshi. Abo bagore bashigikira Yesu n’abigishwa biwe bakoresheje uburyo bwabo.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 na Yowana muka Kuza, umubgiriza wa Herode, na Susana, n’abandi bagore benshi, bābafashisha ivyabo.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Luka 8:3
19 Iomraidhean Croise  

Muri ico gihe, Herode Antipa yumva amakuru ya Yesu;


Kuko Herode Antipa yari yarafashe Yohana, aramuboha, amuta mw’ibohero. Ivyo yabikoze abitumwe na Herodiya uwo yari yararongoye, kandi yari asanzwe ari muka Filipo, uwo bavukana.


Ku musi mukuru wo kwibuka ivuka rya Herode, umukobwa wa Herodiya araza atambira abatumire, maze ivyo binezereza Herode cane,


Binjiye mu nzu, babona uwo mwana ari kumwe na nyina Mariya, barapfukama baramusenga. Hanyuma batekurura udusaho turimwo ivy’agaciro bagendanye babimuhako ishikanwa rigizwe n’inzahabu, n’utundi tuntu tumota neza.


Bugorovye, nyene umurima abwira uwujejwe ubutunzi bwiwe ati: ‘Hamagara abakozi ubahembe, uhereye ku baje ubwa nyuma, uhereze ku baje ubwa mbere.’


Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mwabikoreye urya muntu muto muri aba bene Data, ni jewe mwabikoreye.’


Aboro muzokwamana, ariko jewe ntimuzonyamana.


Abagore benshi bari bavuye i Galilaya bazananye na Yesu kugira ngo bamushigikire mu gikorwa ciwe, bari ngaho babirabira kure.


Abo bagore bagiye kubwira intumwa ivyabaye bari Mariya Magadalena, Yowana, na Mariya nyina wa Yakobo, n’abandi bagore bari kumwe na bo.


Ivyo ntiyabivuze abitewe no kubabara aboro, ariko yabitewe n’uko yari umusuma. Ni we yari ajejwe ububiko bw’amahera y’abigishwa, kandi kenshi yarayihako akayakoresha ivyiwe.


Mw’ishengero ryo muri Antiyokiya hari abavugishwa n’Imana n’abigisha ari bo Baranaba, Simeyoni bita Mwirabure, Lukiyo Umunyakurene, Manayeni yari yakuranye na Herode Antipa, hamwe na Sawuli.


Kuko muzi ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, ko n’aho yari umutunzi wa vyose, yigize umukene ku bwanyu kugira ngo mu bukene bwiwe mube abatunzi.


Abera bose barabatasha, na canecane abo mu nzu kwa Kayisari.


kandi akaba ashingirwa intahe ku bw’ibikorwa vyiwe vyiza nko kurera neza abana, kwakira abandi i muhira, kwoza ibirenge vy’abera, gufasha abari mu ngorane, ndetse akaba yariyeguriye gukora ibikorwa vyiza vy’ubwoko bwose.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan