Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Luka 7:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Aho hari umusoda mukuru w’Umuroma yari afise umukozi yakunda cane. Uwo mukozi yari arwaye, ari hafi yo gupfa.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Hāriy’ umugabisha w’abasoda ijana, umushumba wiwe akunda cane yar’ arwaye, ari ku mpfiro.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Luka 7:2
24 Iomraidhean Croise  

Umusoda mukuru w’Umuroma hamwe n’abasoda yari arongoye mu gucunga Yesu, babonye ukunyiganyiga kw’isi hamwe n’ibibaye vyose, bafatwa n’ubwoba bwinshi, bavuga bati: “Ni ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”


Umusoda mukuru w’Umuroma yari aho abonye ibibaye, aca ashima Imana avuga ati: “Ni ukuri, uwu muntu yari intungane.”


Yesu ahejeje kwigisha abantu muri ayo majambo yose, aca aja i Kaperinawumu.


Yumvise inkuru za Yesu, aca arungika bamwe mu bakuru b’Abayuda, ngo bamwinginge aze akize umukozi wiwe.


kuko umukobwa wiwe yariko aracikana. Yari amufise wenyene kandi yari afise imyaka nka cumi n’ibiri. Yesu ari mu nzira agenda, yari akikijwe n’abantu isinzi bamugunda.


I Kayisariya hari umugabo yitwa Koruneliyo, yari umugabisha w’umuce w’ingabo bita Umuce w’Abataliyano.


Wa mumarayika baganira amaze kugenda, Koruneliyo aca ahamagara babiri mu bakozi bari kumwe n’umusoda yubaha Imana, yari umwe mu bamugendanira.


Na we avyumvise aca aja kuri wa mukuru wabo amubwira ati: “Mbega ubigenza gute? Erega wa mugabo ni Umuroma.”


Pawulo aca abarira umwe mu bakuru b’abasoda ijana ati: “Jana uwu musore ku mukuru w’abasoda; arafise ico agomba kumubwira.”


Bamaze gufata ingingo ko tuja mu Butaliyano n’ubwato, Pawulo be n’izindi mbohe bashikirizwa umukuru w’abasoda ijana yitwa Yuliyo, yari umwe mu basoda bakuru bo mu muce w’abacungera ubuzima bwa Kayisari.


Ku musi ukurikira twururukira i Sidoni. Pawulo agira ikiganza ciza kuri Yuliyo, amwemerera kuja ku bagenzi biwe kugira ngo bamufashe mu vyo akeneye.


Ariko kubera wa mukuru w’abasoda ijana yashaka gukingira Pawulo, ababuza kubikora. Aca ategeka ko abazi kwoga bobanza bagasimbira mu mazi bagashika impore i musozi.


Bagurano, mwumvire ba shobuja bo muri iyi si muri vyose; kandi mubigire atari iyo babahagarikiye gusa murondera ko bobashima, ariko mubikore n’umutima ubikunze mubitewe no kwubaha Umwami wacu.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan