Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Luka 5:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Umusi umwe Yesu yari ku nkengera y’ikiyaga c’i Genezareti, akikujwe n’isinzi ry’abantu bariko bumviriza ijambo ry’Imana.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Nukw ishengero ririko riramubanda ryumva ijambo ry’Imana, yar’ ahagaze ku musenyi w’ikiyaga c’i Genesareti.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Luka 5:1
21 Iomraidhean Croise  

Uhereye igihe Yohana umubatizi yatangura kwigisha kugeza n’ubu, Ubwami bw’ijuru bugenda bugwanigwa kandi abahizi ni bo bwabwinjiramwo.


Bamaze kujabuka, bashika hakurya ahitwa Genezareti.


Nuko abwira abigishwa biwe ngo bamutegurire ubwato kugira ngo abantu ntibamusite,


Ikindi gihe Yesu asubira kwigishiriza ku nkengera y’ikiyaga c’i Galilaya, maze abantu isinzi bakoranira aho ari, na we aca atambukira mu bwato abwicaramwo, abantu na bo bahagarara i musozi.


Nuko Yesu ajana na we. Kandi hari abantu isinzi bari bamukurikiye, bamubanda.


Bamaze kujabuka, bashika hakurya ahitwa Genezareti, babohera ubwato i musozi.


Muri ako kanya nyene, abantu ibihumbi n’ibihumbi bariko baragwirirana, gushika aho ata waronka aho ahonyora. Yesu aca atangura kubigisha ahereye ku bigishwa biwe, abagabisha ati: “Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ari bwo buryarya.


Maze abona ubwato bubiri abarovyi bari basize ku nkengera y’ico kiyaga, bariko boza insenga zabo.


Umusi umwe Yesu yabariye abigishwa biwe ati: “Tujabuke tuje hakurya y’ikiyaga.” Nuko batambukira mu bwato, bafata urugendo.


Bakiriko barasoza, Yesu arasinzira. Haca haduka umuyaga mwinshi mu kiyaga, maze ubwato butangura kwuzura amazi; bari bageramiwe cane.


Nuko ba badayimoni bava muri wa muntu, binjira muri za ngurube, na zo ziriruka zimanuka, zisuka mu kiyaga zicwa n’amazi.


Yesu aca arabaza ati: “Ni nde ankozeko?” Bose babihakanye, Petero aramubwira ati: “Mwigisha, abantu ni benshi kandi bariko barakugunda.”


Umwe muri ba bigishwa babiri bumvise ivyo Yohana yavuze bagaca bakurikira Yesu, yitwa Andereya kandi yavukana na Simoni Petero.


Hanyuma y’ivyo, Yesu arajabuka aja ku ruhande rwo hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya (ari co kiyaga c’i Tiberiya).


Mwibuke abarongozi banyu, babigishije ijambo ry’Imana. Murabe ivyiza vyavuye mu buzima bwabo hanyuma mwigane ukwizera kwabo.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan