2 Bahashitse, basanga ikibuye cari cugaye imva catembagajwe,
2 Basanga ikibuye gitembagajwe kivuye ku mva;
Ubwo nyene, haca haba ukunyiganyiga gukomeye kw’isi, kuko umumarayika w’Umwami Imana yamanutse avuye mw’ijuru, agatembagaza ca kibuye cugaye imva ya Yesu akacicarako.
Ku musi wa mbere utangura indwi, hakiri kare mu gitondo, ba bagore bafata vya bimota neza bari bateguye, baja ku mva.
hanyuma barinjira, ariko ikiziga c’Umwami Yesu ntibakibona.
Nuko Yesu ashika ku mva akibabaye. Iyo mva yari isenga ryugaje ikibuye kinini.
Nuko bakuraho ca kibuye. Maze Yesu arangamiza hejuru aravuga ati: “Data, ndagushimiye kuko unyumva iyo nsenga.