Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Luka 2:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Yosefu na we nyene ava i Nazareti, igisagara c’i Galilaya, aduga i Yudaya mu gisagara ca Dawidi citwa Betelehemu, kuko yakomoka mu muryango wa Dawidi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yosefu na we ava i Galilaya mu gisagara c’i Nazareti, aja i Yudaya mu gisagara ca Dawidi, citwa Betelehemu, kuko yakomotse mu nzu ya Dawidi mu muryango wiwe:

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Luka 2:4
24 Iomraidhean Croise  

Ariko, akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana araza avugana na we mu ndoto amubwira ati: “Yosefu mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya, kuko inda afise yavuye kuri Mpwemu Yera.


baca baja kuba mu gisagara citwa Nazareti. Uko ni ko ivyo abavugishwa n’Imana bavuze vyashitse ngo: “Azokwitwa Umunyenazareti.”


Nuko abantu bose baja mu bisagara bavukiyemwo kwisansumisha.


Nuko aja kwisansumisha ajanye na Mariya, uwo yari akoye, kandi Mariya yari yibungenze.


Umusi umwe, Yesu aja i Nazareti aho yakuriye. Ku musi w’Isabato, yinjira mw’isinagogi nk’uko yari amenyereye, maze ahaguruka ngo asome Ivyanditswe.


Natanayeli aramubaza ati: “Hari iciza cova i Nazareti?” Filipo aramwishura ati: “Ingo uvyirabire.”


Mbega Ivyanditswe ntibivuga ko Kristo azova mu ruvyaro rwa Dawidi i Betelehemu, igisagara Dawidi yabayemwo?”


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan