3 Nuko abantu bose baja mu bisagara bavukiyemwo kwisansumisha.
3 Bose baja kwiyandikisha, umuntu wese aja mu gisagara cabo.
Muri iyo misi, Kayisari Ogusito, umwami w’abami w’Abaroma, asohora itegeko ko haba urusansuma rw’abantu bose baba mu bwami bw’Abaroma.
Urwo rwari urusansuma rwa mbere rubaye kandi ico gihe Kuriniyusi yatwara intara ya Siriya.
Yosefu na we nyene ava i Nazareti, igisagara c’i Galilaya, aduga i Yudaya mu gisagara ca Dawidi citwa Betelehemu, kuko yakomoka mu muryango wa Dawidi.
Nuko aja kwisansumisha ajanye na Mariya, uwo yari akoye, kandi Mariya yari yibungenze.