3 Haba na mba! Ariko nimutihana namwe muzohona nka bo.
3 Ndababgire, Si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese.
Maze ica isubira ikagenda, ikazana izindi mpwemu mbi indwi ziyirusha ububi, zikinjira muri wa muntu, zikibera ngaho. Ivya nyuma vy’uwo muntu biba bibi kurusha ivya mbere. Uko ni ko bizogenda ku bantu ba kino gihe kibi.”
Maze umwami araraka cane, aca arungika ingabo ziwe kwica izo nkozi z’ibibi, bongera batongoza umuriro igisagara cazo.
avuga ati: “Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi.”
Yesu arababwira ati: “Mbega mwibaza ko abo bantu b’i Galilaya bababajwe gutyo kubera bari abanyavyaha kurusha abandi Banyagalilaya?
Canke mwibaza ko bamwe cumi n’umunani bapfa igihe umunara wabagwako i Silowamu bari abanyavyaha kurusha ababa i Yerusalemu bose?
Haba na mba! Ariko nimutihana namwe muzohona nka bo.”
kandi ubutumwa bw’ukwihana n’uguharirwa ivyaha buzovugwa mw’izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.’
Nuko rero nimwihane, muhindukire, kugira ngo ivyaha vyanyu bihanagurwe, ngo ibihe vy’impemburo bibone kuza, bivuye imbere y’Umwami Imana,