Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Luka 1:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ni co gituma nanje, maze gutohoza neza uko vyagenze vyose kuva mu ntango, nahisemwo kukwandikira inkuru y’ukuri kandi itomoye, nyakwubahwa Teyofilo,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Nuko nanje, mpejeje gukurikiranya vyose neza mpereye ku vya mbere, nabonye kw ari vyiza kubikwandikira uko bikurikirana, wewe Teyofilo umwubahwa,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Luka 1:3
17 Iomraidhean Croise  

Abantu benshi baragerageje kwandika inkuru z’ivyabereye hagati muri twebwe,


Yewe Teyofilo, mu gitabu ca mbere nanditse, navuze ivyo Yesu yakoze n’ivyo yigishije vyose kuva mu ntango y’igikorwa ciwe,


Nuko Petero ahera ku ntango, abasigurira neza vyose uko vyagenze. Arababwira ati:


Ni co gituma mbona tudakwiye kuremera Abanyamahanga bariko bahindukirira Imana.


Ni co gituma twumvikanye gutoranyamwo abo dutuma, bazananye na bene Data dukunda cane, ari bo Baranaba na Pawulo,


Kuko Mpwemu Yera vyamubereye vyiza, kandi natwe bitubera vyiza kutabaremereza ikintu na kimwe kirengeye ivyo tubasaba, ari vyo vy’ibi:


Amaze igihe gito muri Antiyokiya, avayo agendera ahantu hatandukanye mu ntara za Galatiya na Furugiya, akomeza abizera bose.


Jewe Kilawudiyo Lusiyasi, Ndabaramukije nyakwubahwa Felisi, umukuru w’intara.


Kandi muri vyose na hose ga nyakwubahwa Felisi, turabigushimira bivuye ku mutima.


Pawulo asubizayo ati: “Nyenicubahiro Fesito, sinasaze. Ivyo ndiko ndavuga ni ukuri kandi biratahuritse.


Ku vyerekeye mwene Data Apolo na we, naramwinginze ngo azanane n’abandi bene Data iwanyu, ariko ntiyipfuje kuza ubwo nyene, azoza niyaronka akaryo keza.


Ariko jewe niyumvira ko yonezerwa gusumba agumye uko yari ari, kandi nanje ndabahaye iyi mpanuro ndongowe na Mpwemu w’Imana.


Ibi niwabishikiriza bene Data, uzoba uri umukozi mwiza wa Kristo Yesu, yagaburiwe ubutumwa bw’ukwizera n’inyigisho nziza wakiriye.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan