Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 9:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Akigenda, yegereje i Damasiko, umuco uvuye mw’ijuru umurasirako giturumbuka impande zose.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Maz’ arikw aragenda, agira ashike i Damasiko, haza umuco giturumbuka, uvuye mw ijuru, umukayanganira irya n’ino.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 9:3
10 Iomraidhean Croise  

Nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, ndiko ndegereza i Damasiko, umuco uvuye mw’ijuru undasira impande zose.


Nuko Ananiya aca aja kuri ya nzu arinjira. Arambika ibiganza kuri Sawuli, avuga ati: “Mwene Data Sawuli, Umwami Yesu, uwakwiyeretse uri mu nzira uza, yakuntumyeko kugira ngo uhumuke kandi wuzure Mpwemu Yera.”


Ariko Baranaba aramufata amujana ku ntumwa, abasigurira ingene Sawuli yahuye n’Umwami Yesu ari mu nzira aja i Damasiko akavugana na we, n’ingene i Damasiko yigishije mw’izina rya Yesu ata bwoba.


Ubwa nyuma aranyiyereka nanje, nk’uwavutse mu gihe kitari co.


Mbega sindi uwidegemvya? Mbega sindi intumwa? Mbega siniboneye Yesu Umwami wacu amaso mu yandi? Mbega ntimuri ivyamwa vy’ibikorwa nakoreye Umwami?


Niyo yonyene ifise ukudapfa, kandi iba mu muco ata muntu yoshobora kwegera, iyo ata muntu arabona kandi ata wushobora kuyibona. Icubahiro n’ububasha bibe ivyayo ibihe bidashira. Amen.


Muri ico gisagara nta zuba canke ukwezi bikenewe vyo kuhamurikira, kuko ubwiza bw’Imana buhamurikira, kandi Umwagazi w’intama akaba ari we tara ryaho.


Nta joro rizobayo kandi nta muco w’itara canke w’izuba bazokenera, kuko Umwami Imana azobamurikira. Kandi bazoganza ibihe vyose.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan