Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 9:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 amusaba amakete atwara mu masinagogi y’i Damasiko, kugira ngo nihagira uwo basanga akurikira inzira y’Umwami Yesu, baba abagabo canke abagore, ace abatwara nk’imbohe i Yerusalemu.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 amusaba ivyete vyo guha ab’ amasinagogi y’i Damasiko, kugira ngo ni yabona abantu bakurikira Inzira ya Yesu, ar’ abagabo cank’ abagore, abajane i Yerusalemu mu ngoyi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 9:2
23 Iomraidhean Croise  

Mumenye neza ko bazobashengeza imbere y’ubucamanza kandi ko bazobakubitira mu masinagogi.


Yesu aramwishura ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko.


Yari yarigishijwe inzira y’Umwami Yesu, kandi n’aho yari yabatijwe umubatizo wa Yohana gusa, yigisha ivya Kristo ashize amanga mu kuri kwose.


Muri iyo misi nyene haduka imigumuko ivuye ku bijanye n’Inzira y’Umwami Imana.


Ariko bamwe bakomantaza imitima banka kwizera, banebagura ku mugaragaro inzira y’Umwami Yesu. Nuko Pawulo aca ava muri iryo sinagogi, agenda ajanye n’abizera, abandanya avuganira mu nyubakwa uwitwa Turano yigishirizamwo.


Ariko ndemera ko nsenga Imana ya ba sogokuruza nk’uwukurikira ya Nzira, iyo bo bise idini ry’ubuzimire. Nizera ibihwanye n’ivyo ivyagezwe vyigisha vyose, hamwe n’ivyanditswe mu bitabu vy’abavugishwa n’Imana.


Maze Felisi, yari asanzwe azi neza ivy’Inzira y’Umwami Yesu, aca yungururiza urubanza ku rindi sango, avuga ati: “Lusiyasi umukuru w’abasoda niyaza nzoheza ndabacire urubanza.”


Kandi ivyo narabikoze i Yerusalemu. Nahawe ububasha n’abakuru b’abaherezi bwo gufata abizera no kubata mw’ibohero; kandi mu kubacira urwo gupfa, nari mu bavyemeza.


Umusi umwe nari ngiye muri ivyo bikorwa nyene i Damasiko, nahawe ububasha kandi ntumwe n’abakuru b’abaherezi.


Ariko abantu bamwebamwe bo mw’Isinagogi ry’abiyita Abagurano bidegemvya, ari bo Bayuda b’i Kurene n’abo muri Alegizanderiya, bafatanije n’abava mu ntara za Kilikiya na Aziya, bahagurukira rimwe guhaririza Sitefano.


Atwaza umukazo ubwoko bwacu, ategeka ba sogokuruza guta abana babo b’inzoya kugira ngo ntibabeho.


Kandi yaje hano afise ububasha yahawe n’abakuru b’abaherezi kugira ngo afate abo bose bambaza izina ryawe.”


Abamwumva bose baratangara, bakabazanya bati: “Mbega uwu mugabo si umwe yahora atikiza abasenga izina rya Yesu i Yerusalemu? Mbega ntiyari yazanywe ino no gufata abizera kugira ngo abatware nk’imbohe ku bakuru b’abaherezi?”


Igihe nari i Damasiko, uwatwarira umwami Areta yashize abarinzi kw’irembo ry’igisagara ca Damaseni kugira ngo bamfate.


kandi sinabanje kuduga i Yerusalemu kubaza ababanje kuba intumwa imbere yanje, ahubwo naciye nja muri Arabiya, mu nyuma ngaruka i Damasiko.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan