Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 7:51 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

51 Mwa ntagondwa mwe, imitima yanyu n’amatwi yanyu ntibirakebwa. Mumeze nka ba sogokuruza banyu: mwama mugarariza Mpwemu Yera.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

51 Yemwe abatagonda izosi, mwa ntakebga mu mitima no mu matwi, na ntaryo murwanya Mpwemu Yera. Uko ba sogokuruza banyu bākora, ni ko namwe mukora.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 7:51
38 Iomraidhean Croise  

Ariko ntibashobora guhagarara imbere y’ubwenge bwiwe hamwe n’Impwemu yamuvugisha.


Uwariko agirira nabi mugenziwe aca asunura Mose, amubaza ati: ‘Ni nde yakugize umutware n’umucamanza wacu?


Uwu ni Mose nyene bari baranse igihe bavuga bati: ‘Ni nde yakugize umutware n’umucamanza wacu?’ Imana ubwayo ni yo yamwirungikiye ngo abe umutware n’umucunguzi wabo, biciye ku mumarayika yamwiyeretse ari mu gisaka caka umuriro.


Ariko ba Sokuruza bacu baranse kumwumvira, baramwikunkumura, imitima yabo yipfuza kwisubirira muri Egiputa.


Kubera ishari ba sogokuruza bagiriye Yosefu, bamugurishije muri Egiputa; ariko Imana yari kumwe na we,


Umugenzo w’Abayuda wo gukebwa ufise agaciro mu gihe umuntu yumvira ivyagezwe vy’Imana, ariko igihe atavyumvira nta co aba arushije uwutigeze akebwa.


Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, uwo mwahawe nk’ikidodo cemeza ko muri abiwe, ku bwa wa musi aho muzocungurirwa.


Kuko, twebwe dusengera Imana muri Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, kandi ntitwishimire ivy’umubiri, ni twebwe twakebwe vy’ukuri.


Muri we mwarakebwe ugukebwa kutari ukwo mu buryo bw’umubiri. Ni ugukebwa mwakebwe na Kristo kwo kubambura akamere k’icaha.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan