1 Nuko umuherezi mukuru aramubaza ati: “Ivyo bakwagiriza ni vyo?”
1 Umuherezi mukuru aramubaza, ati Mbeg’ ivyo ni ko biri?
Abari bicaye mu nama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko bose bamwihweje, babona mu maso hiwe hasa n’ah’umumarayika.
Na we yishura ati: “Bavukanyi namwe bavyeyi, nimuntege amatwi ndababwire! Imana y’ubwiza yiyeretse sogokuruza Aburahamu akiri i Mesopotamiya, imbere y’uko aja kuba i Harani.