Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 6:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Abari aho bose bashima ico ciyumviro, maze batoranya Sitefano, umuntu yari yuzuye ukwizera kandi yari yuzuye Mpwemu Yera, na Filipo, na Purokoro, Nikanori, Timoni, Parumena, na Nikola Umunyantiyokiya yinjiye mw’idini ry’Abayuda.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ayo majambo ishengero ryose rirayashima, batoranya Stefano, umuntu yuzuye ukwizera na Mpwemu Yera, na Filipo, na Purokoro, na Nikanori, na Timoni, na Parumena, na Nikolayo, Umunyantiyokiya yatoye idini y’Abayuda,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 6:5
24 Iomraidhean Croise  

Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mukwiragira hose ku misozi no mu biyaga murondera umuntu umwe ngo mumuhindure umunyedini, mumaze kumuronka mugaca mumuhindura incuro zibiri kuba uwo gutabwa muri Gehinomu, nk’uko muri!


Nuko abari barasabagiye kubera ihamwa ryari ryatanguranye n’urupfu rwa Sitefano baragenda gushika i Foyinika, i Kupuro n’i Antiyokiya, babwira ijambo ry’Imana Abayuda bonyene.


Ariko bamwe muri bo, abava i Kupuro n’i Kurene, baja muri Antiyokiya, batangura kwigisha n’Abagiriki na bo, bababwira Ubutumwa Bwiza bw’Umwami Yesu Kristo.


Inkuru zabo zishikira ishengero ry’i Yerusalemu, maze barungika Baranaba muri Antiyokiya.


Kubera ko Barunaba yari umugwaneza, yuzuye Mpwemu Yera n’ukwizera, igitigiri kinini c’abantu barizeye Umwami Yesu.


Amubonye, aca amujana muri Antiyokiya, bompi bamarana umwaka n’ishengero, bigisha abantu benshi cane. Aho muri Antiyokiya ni ho abigishwa bitiwe ubwa mbere Abakristo.


Muri ico gihe, abavugishwa n’Imana bamwe bamanutse bava i Yerusalemu, baja muri Antiyokiya.


Mw’ishengero ryo muri Antiyokiya hari abavugishwa n’Imana n’abigisha ari bo Baranaba, Simeyoni bita Mwirabure, Lukiyo Umunyakurene, Manayeni yari yakuranye na Herode Antipa, hamwe na Sawuli.


Nuko intumwa n’abakuru b’ishengero, bari kumwe n’ishengero ryose, baca batora bamwe mu banyeshengero, babarungika i Antiyokiya baherekeje Pawulo na Baranaba. Nuko batoranya Yuda ari we Barusaba, na Silasi, bari abarongozi mu bandi bizera.


Bose baca buzura Mpwemu Yera, batangura kuvuga mu zindi ndimi nk’uko Mpwemu Yera abashoboje kuzivuga.


Bukeye turabandanya dushika i Kayisariya, dushikira kwa Filipo umuvugabutumwa, umwe muri bamwe ndwi batoranywa i Yerusalemu ngo bakore igikorwa co kugaburira imfungurwa abapfakazi.


Kandi igihe amaraso ya Sitefano uwagushingira intahe yaseseka, ni ho nari, nemeza ko yicwa, mfatiye impuzu abariko baramwica.’


Ariko ntibashobora guhagarara imbere y’ubwenge bwiwe hamwe n’Impwemu yamuvugisha.


Bene Data, nimutoranye abantu indwi muri mwebwe, mushingira intahe ko buzuye Mpwemu Yera n’ubwenge, tubazeze ico gikorwa,


Sitefano yari umuntu yuzuye ubuntu n’ububasha vy’Imana, yakoreye ibitangaza n’ibimenyetso vyinshi mu bantu.


Nuko umuherezi mukuru aramubaza ati: “Ivyo bakwagiriza ni vyo?”


Kandi muri mwebwe hariho n’abakurikira inyigisho z’Abanikolayite.


Ariko hari ico ushimirwa: wanse ibikorwa vy’Abanikolayite, nkuko nanje ndavyanka.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan