Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 5:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Petero aca amubwira ati: “Vyabagendeye gute ngo mwumvikane guhenda Mpwemu w’Umwami Imana? Raba ibirenge vy’abavuye guhamba umugabo wawe bigeze aho imbere y’umuryango, kandi na wewe barakujana.”

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Petero aramubaza, ati N’iki gitumye muhūza inama kugerageza Mpwemu w’Umwami Imana? Ehe ibirenge vy’abahejeje guhamba umugabo wawe biri ku rugi, nawe barakujana.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 5:9
24 Iomraidhean Croise  

Yesu na we aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Ntukagerageze Uhoraho Imana yawe.’”


Umusi umwe aramuhamagara, amubaza ati: ‘Ivyo ndakwumvako ni ibiki? Harura ivyo nakujeje ubinsubize, kuko ntukibereye kuzezwa ubutunzi bwanje.’


None rero, ni kubera iki mugomba kugerageza Imana mu kuremeka abigishwa imitwaro twebwe ndetse na ba sogokuruza tutashoboye kwikorera?


Maze abasore bari aho bava hasi, batekera ikiziga ciwe bakijana kugihamba.


Mbega hoho abantu bovuga ivyiwe bate ata wabatumye? Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Ese ukuntu ibirenge vy’abazanye Ubutumwa Bwiza ari vyiza!”


Noneho turazi ko ivyo ivyagezwe vyigisha biraba abaganzwa na vyo, kugira ngo ntihagire uwuronka ico yireguza kandi isi yose iboneke ko ikwiye gutsindwa n’urubanza rw’Imana.


Ntitugerageze Kristo nk’uko bamwe babigize bakamarwa n’inzoka.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan