Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 5:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ananiya acumva ivyo, agwa hasi arahwera. Abavyumvise ibibaye bose batekerwa n’ubwoba.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ananiya yumvise ayo majambo agwa bukumbi: abavyumvise bose baterwa n’ubgoba bginshi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 5:5
26 Iomraidhean Croise  

Noneho rero Imana ibanguye ukuboko ngo iguhane. Ugiye guhuma, kandi kuva ubu ntuzosubira kubona umuco w’izuba.” Ubwo nyene amaso yiwe yuzura umwijima, buramwirira, atangura kujuragirika mu mpande zose arondera uwomufata ukuboko.


Umuntu wese aterwa n’ubwoba ku bw’ibitangaza n’ibimenyetso vyinshi vyakorwa n’intumwa.


Nta n’umwe yubahuka kwifatanya na bo, n’aho abantu babemera cane.


Mbega mugomba nzobagendere nzanye inkoni yo kubahana? Canke icoba ciza ni uko noza mfise umutima w’urukundo n’ubugwaneza?


Ni co gituma ndabandikira ibi tutari kumwe, kugira ngo ninaza sinze ndabakarire mu bubasha nahawe n’Umwami, kuko ari ububasha bwo kubakomeza atari ubwo kubasambura.


Naraburiye abagumye mu vyaha igihe nabagendera ubwa kabiri. N’ubu ndabibasubiriyemwo n’aho tutari kumwe: ninagaruka, sinzokwihanganira umuntu n’umwe,


Nimurabe ico uwo mubabaro uvuye ku Mana wakoze muri mwebwe: wabateye umwete mwinshi, ishaka ryinshi ryo kugaragaza ko ata co mwagirizwa, kubabazwa n’akarenganyo, gutinya, inkumbu, ishaka, umwitwaririko wo kubona icaha gihanwa. Muri ivyo vyose mwarerekanye ko mwejejwe.


Ako kanya nyene haca humvikana nyamugigima iteye ubwoba isenyura ica cumi c’ibisagara, abantu ibihumbi indwi barapfa. Abarokotse bagira ubwoba bwinshi, bahimbaza Imana yo mw’ijuru.


Nihagira uwugerageza kubakorera ikibi, umuriro uzova mu kanwa kabo uturire abansi babo. Uko ni ko uwuzogerageza kubakorera ikibi azopfa.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan