Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 5:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Mbega utararigurisha ntiryari iryawe? Kandi umaze kurigurisha, amahera ntiyari ayawe? Vyakugendeye gute ngo wiyumvire mu mutima wawe ukore ikibi nk’ico? Erega si twebwe wahenze, ahubwo wahenze Imana!”

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ukiyifise ntiyar’ iyawe? Kand’ umaze kuyigura, ibiguzi vyayo ntuba warabikoze uk’ ugomba? N’iki catumye wīgīra ingingo mu mutima wawe gukora urtyo? S’abantu uhenze, Imana ni yo uhenze.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 5:4
26 Iomraidhean Croise  

Uwubumvira ni jewe aba yumviye, kandi uwubanka ni jewe aba yanse. Uwunyanse na we aba yanse uwantumye.”


Maze Petero abaza Ananiya ati: “Ananiya, ni kuki Satani yujuje umutima guhenda Mpwemu Yera mu kunyegeza igice c’amahera wagurishije itongo ryawe?


Petero aca amubwira ati: “Vyabagendeye gute ngo mwumvikane guhenda Mpwemu w’Umwami Imana? Raba ibirenge vy’abavuye guhamba umugabo wawe bigeze aho imbere y’umuryango, kandi na wewe barakujana.”


Kuko ntitwemerwa n’Imana kubera ivyo turya, kandi nta co dutakaza iyo tubiretse, kandi nta co twunguka iyo tubiriye.


Ni co gituma uwanse kugendera izi nyigisho ataba yanse umuntu, ariko aba yanse Imana, yo ibaha Mpwemu wayo Yera.


Ariko sinashatse kugira ico nkoze ntakugishije inama, kugira ngo iciza cose wonkorera ugikore bivuye ku mutima, ata gahato.


Ivyo vyipfuzo bimaze gutwara inda, bivyara icaha. Icaha na co kimaze gukura, kikavyara urupfu.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan