Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 5:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Aca yumvikana n’umugore wiwe, bafata igice c’amahera bakuyemwo barakinyegeza, bazana ayasigaye bayashikiriza intumwa.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 yisigariza ku biguzi vyayo, umugore wiwe abizi, azana ikigabane, agishira imbere y’ibirenge vy’intumwa.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 5:2
16 Iomraidhean Croise  

Ivyo bakora vyose, babikora kugira ngo biyerekane. Bambara udusaho turimwo imirongo y’Ivyagezwe mu ruhanga no ku maboko kandi n’imisozo yo ku mpuzu zabo bakayigira miremire gusumvya abandi.


Ivyo ntiyabivuze abitewe no kubabara aboro, ariko yabitewe n’uko yari umusuma. Ni we yari ajejwe ububiko bw’amahera y’abigishwa, kandi kenshi yarayihako akayakoresha ivyiwe.


Abizera bose baba hamwe kandi basangira ivyabo vyose.


yagurishije itongo maze azana amahera yose ayashikiriza intumwa.


Ariko hari umugabo yitwa Ananiya, yari afise umugore yitwa Safira. Bagurisha itongo ryabo babigiye inama.


Maze Petero abaza Ananiya ati: “Ananiya, ni kuki Satani yujuje umutima guhenda Mpwemu Yera mu kunyegeza igice c’amahera wagurishije itongo ryawe?


Petero aramubaza ati: “Tubwire! Aya ni yo mahera yose mwe na Ananiya mwakuye mw’itongo mwagurishije?” Safira ati: “Egome, ni ayo.”


Ntihakagire ico mukora musunitswe n’ukwikunda canke n’ukwishira hejuru, ariko mu kwicisha bugufi, mushire abandi imbere.


Gukunda amahera ni umuzi w’ibibi vyose. Bamwe bagize umwitwarariko mwinshi wo kuronka amahera, maze bangarira kure y’ukwizera kw’ukuri, bita mu bibahagarika imitima.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan